Scroll to Top

Igikombe c’umukuru w’igihugu kiratangura muri kuno kwezi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 01 Mar 2017 06:46 AM / /

Nk’uko tubikura ku ndinganizo nshasha y’amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru. Ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu kigira gatandatu kigiye gutangura.

Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante niho hategekanijwe inkino  z’igikombe c’umukuru w’igihugu, zizoba zitanguye. Uyo munsi inkino za mbere z’ugukuranamwo niho zizoba mbere zikazobandanya mu ndwi z’ukwezi kwa kane zizokurikira.

Kuri uno munsi hakaba hakirindiriwe ingene imigwi izohura kuko tombola gushika kuri uno munsi itarasohoka. Imigwi yiyandikishije isabwa gutanga agatererano kangana n’ibihumbi amajana abiri (200.000fbu).

Tukabibutsa ko umugwi wa Messager Ngozi ari wo ufise igikombe c’umwaka  uheze, ari naco catumye uronka itike y’ukuja mu gikombe ca Afrika ca Confederation. Muri kino gihe ukaba ugeze mu nkino z’igice ca kabiri (Deuxième Tour).

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel