Scroll to Top

Uwo bazokwaka amafaranga asabwe kuzoca abimenyesha

By La Rédaction / Published on Thursday, 02 Mar 2017 06:03 AM / /

Bisabwe n’ubushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buri mu gikorwa c’ugusansuma abantu bose basanzwe bafise imboneshakure kugira ngo baze bahabwe ama décodeurs ku buntu, gutyo babone kwnjira mu buhinga bushasha bwa numérisation.

                                Décodeurs canal satelite TS1, photo Google

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ico gikorwa c’ukugira rusansuma ngo kiriko kiraba mu gihugu cose, aho abasanzwe bafise imboneshakure bahamagarirwa kwiyandikisha maze bazoheze baronswe ingabire y’ama decodeurs igihugu c’Ubushinwa giherutse gufashisha Leta y’Uburundi mu ntumbero y’ukugira ngo abanyagihugu bose bashobore kwijukira ubuhinga bwa none buherutse gutanguzwa n’insamirizi hamwe na Televisiyo vy’Uburundi.

Uwo muvugizi w’ubwo bushikiranganji akaba yaboneyeho n’akaryo k’ukumenyesha abarundi bose ko ico gikorwa kiriko kirangurwa ku buntu, maze ngo ntihazogire abikika mu kiza mu kuza barasaba amafaranga canke ikindi kintu icarico cose, nayo ngo uwuzoba hari ico yasabwe kugira yandikwe, asabwa kuzoca abimenyesha abatware bamwegereye kugira ngo amategeko abone gukurikizwa.

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G

Add Comment

Comments (1)

Tatien
2017-03-02 00:00:00

None no mu gisagara ca Bujumbura ivyo bikorwa vyaratanguye? Ko ntarabona aho babikorera?

Write a comment ...
Post comment
Cancel