Scroll to Top

Bategekanya ko muri Mukakaro 2018 iyo nyubakwa izoba yarangiye

By La Rédaction /Published on Sunday, 05 Mar 2017 03:20 AM // 277 views

Mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kuri uwu wa gatandatu waraye urangiye igenekerezo rya 4 Ntwarante uwu mwaka, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza yarifadikanije n’abanyagihugu bo mu ntara avukamwo ya Ngozi mu bikorwa bijanye n’iyubakwa ry’ikibuga c’inkino ahitwa ku Gasaka hamwe n’ishule nshingiro muri zone ya Buye yo muri komine Mwumba.

Perezida Nkurunziza mu bikorwa vy’iterambere rusangi mu ntara ya Ngozi, kuwa 4 Ntwarante 2017

Ari kumwe n’abashingamateka batandukanye  hamwe n’intumwa z’abashinwa zari zirongowe n’uwusanzwe aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi Zhuo Ruisheng, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza yarifadikanije n’abenegihugu b’i Ngozi hamwe na Mwumba mu bikorwa vyari bigizwe n’iyubakwa ry’ikibuga c’inkino hamwe n’iyubakwa ry’amashule nshingiro y’i Mwumba azoba ageretse kabiri akongera akagira ibirase bigera kuri icumi na bibiri.

Musitanteri w’iyo komine ya Mwumba akaba yamenyesheje ko amafaranga ategekanywa kuzokoreshwa mw’iyubakwa ry’iryo shule nshingiro ko aharurwa mu muliyaridi umwe w’amafaranga y’amarundi, nayo ubuyobozi bw’intara ngo bukaba bwaterereye muri ico gikorwa isima, amabati hamwe n’ivyuma vy’ukwubakisha iryo shule, ibisigaye ngo bikaba bitangwa n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi.

Nk’uko uwurongoye iyo komine ya Mwumba yabandanije abishikriza, ngo biteguye ko mu kwezi kwa Mukakaro mu mwaka uza wa 2018 ariho bazoshobora kwinjira iyo nyubakwa.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel