Scroll to Top

Basket Ball: Muri ACBAB hari ukutumvikana.

By Alain Muhirwe /Published on Monday, 06 Mar 2017 23:18 PM // 241 views

Nk’uko bibonekera mw’ikete ryanditswe na bamwe mu barongoye imigwi iri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basket Ball, hano mu gisagara ca Bujumbura (ACBAB), bariyamiriza inzego zigize iryo shiraghamwe ndetse bakanatumako amatora y’ukuzisezerera.

Iryo kete rikaba ryamenyeshejwe umushikiranganji w’inkino n’imico kama hamwe n’abarongoye ishirahamwe rya Basket Ball hano mu Burundi ( FEBABU), abo barongoye imwe mu migwi yo mu gisagara ca Bujumbura basaba ikurwa ry’uwurongoye ACEBAB, hamwe na komite yayo. Inama ikaba yatumweko kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 7 Ntwarante 2o17.

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Ivyo bikaba bije mu gihe, hariko haravugwa ibitameze neza ku mugwi nserukiragihugu wa Basket Ball, aho bivugwa ko abakinyi bataronse iburyo bukwiye bw’ukwitegura, ndetse hakaba hatowe abasore gusa mu gihe hahora hatumwako n’abigeme.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel