Scroll to Top

Gilbert Ndayishimiye: ”N’ubu abakenyezi babayeho nabi”

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 07 Mar 2017 07:54 AM / /
Umupfasoni yaturijwe ipasi n’umunega wiwe, mu gisagara ca Bujumbura, Ifoto Centre Giriteka

Mu gihe buca hahimbazwa umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi biribonekeza ko umurundikazi ataratera imbere cane. Ngo imvo ninyishi. Abavyeyi baracasuzuguza umwana w’umwigeme mu kumurunkika kwiga amashure abayabaye ngo niho yoja kubaka urwiwe n’ingoga nkuko umengo arabarambiye.Abandi bahitamwo kubarungika kwiga ku mashure azwi ko atabumenyi bukwiye atanga bibaza ko vyopfuma hoho bakamenya gusoma. Aho niyo abo bavyeyi badafashe ingingo yo gukura mw’ishure abana babo ba b’ibigeme ngo arakuze cane. Ariko abana babahungu mbere bakurira abo bigeme bamaze gusubiramwa imyaka y’ishure mugabo ntibabakomakome.
Gilbert Ndayishimiye arongoye Association Burundaise pour la Promotion de la Santé Mentale akaba kandi ari umuhuzabikorwa muri Alliance Internationale de la jeunesse pour la Planification Familiale ,IYAFP avuga ati:

Umusi mukuru w’abakenyezi ugeze mu gihe novuga ko babayeho nabi.Hari ibibazo vyinshi bahura navyo hakaba harimwo ikibazo co kubura akazi biva na cane cane kukutizerwa cane mu mabanga.Ivyo bigatuma haba abagore baguma muhira bakora akazi ko mu rugo nubwo baba barize.Ivyo rero biratera ingorane zimwe zimwe aho benshi usanga bavyara intahekana bivuye kuri uko kuntu babayeho”.

Mu gisagara ca Bujumbura, abigime baragwiriye mu mashure no mu bisata bibazako bazonyarutsa guheza nkuko umenga hari uyo bariko barasiganwa canke hari ico biteguriye gukora kinyaruka bohava basanga carataye igihe. Bamwe mu bigeme hashoboye guheza amashure ntibitaho ivyo tuma batera imbere biyumvirako hariho umuntu ariko arabitegura mu kibanza cabo naho baba batamubona. Ivyo bibonekera mu bogo biha canke bikarihiriza ubwenge abamaze amashure.
Akarorero ka hafi ni ibigo vyashizweho n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bise American Corner .Ingurukanabumenyi ni iya gusa, bararonsa ababituye imashine nyabwongo yo gukoresha, ibitabo vyo gusoma ngo umenye uko wokwiteza imbere, bagahera isaha zibiri bakira abantu babitura gushika isaha zibiri z’ijoro ata n’ifaranga umuntu atanze ariko 99 kw’ijana n’imisore gusa n’umwigeme ahaciye ahamara urume rumara arindiriye ko yitaba impamagarakure imurondera.Ntaworeka gushima abigeme bari kurushi biga bagahiganwa n’imisore mu mahugugwa atandukanye atangigwa muri ivyo bigo biri mu Kmenge, Kinindo na Gitega.Izo nyigisho zitangwa ata n’igiceri gitanzwe.
Umwanya wo kurondera akazi uca ubura.Nico gituma mu basaba ubuzi igice kinini usanga ari imisore.Hari naho baba bakeneye umwigeme ariko bakamubura.Ku bera iyo mvo yokutagira ubwira bwo kukarondera kenshi baca baronka abakabasanza muhira mugabo babanje kubatesha ibanga babahenda ngo barabakunda nayo atawukunda umwana kurusha nyina.Iruhande yabo banzinge akarago ndambarare bizizana, hatanguye kwibonekeza abigeme batanguza amashirahamwe abatuma kugira ijambo no kwikenura. Akarorero CAFOBE, SPPDF.
Mu ntara zo hagati mu gihugu, ni vyo umwana w’umwigeme aratanguye guhurumbira ishure ariko abenshi bagera mu mwaka w’indwi ati ndatanzwe ntashinze urwanje kandi atavyo kurushingisha afise.Nko mu ntara ya Makamba mu ma Komine ya Kayogoro na Nyanza Lac, abakobwa bamaze umwaka wa gatandatu baraja kubaka izabo.Ntibiteba akaryoheramubiri kagabanutse baca basubira i wabo bajanye n’inda zigiye kugora abavyeyi batigeze bahanuza bagita amashure ngo barafise ishishiro bashiriye ababashimye. Ntawobiyobegwa ashitse muri Komine ya Gihanga mw’iyera ry’umuceri aho umugabo arongora abagore bangana n’imifuko yimbuye.Muri ico gihe uca umengo umukenyezi ni ikintu ugura, ugakoresha caseruka ugata canke akamburira uwundi.
Haba ruguru canke mu bisagara, abigeme bashitse mu rugero bamwe bararonka vyoroshe abo bubakana abandi bararindira amaso agahera mu nzira.Bamwe bagahitamwo kubironderera abandi bakivugira ko bamaze ”kunukigwa”.Abashitse mu rugo bamwe ntibazi amategeko agenga ingo n’imiryango kuko bibaza ko umuntu wa mbere azo bakingira ari uwobashimanye . Ntivyama uko.Haraho bishika ibere rikayaga, agasanga ariko anegenega aho yaneguwe.Bikaja mu migere canke mu mashi, ibikomere n’ibishunduri bigatangura kuboneka kuri ka kabiri kari gasenye, kabereye ijisho.Buraca rugasambuka canke bakabiviramwomwo ni ukuvuga abantu bakabona ngo barubatse naho mashwi.
Reta y’Uburundi yategekanije ko ukwezi kwa gatatu ko harigwa umukenyezi nayo igenekerezo rya 8 ntwarante abakenyezi b’abarundi bohimbaza umusi mukuru wabahariwe bibuka gukingira ibidukikije.Ibirori vy’uwo musi bikazobera mu ntara ya Muyinga aho naho hababa hakivugwa amabi akoregwa abakenyezi cane cane uguharika vyiraye ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya co kimwe no mu ma Komine agwiriyemwo abamba inzahabu.
Umwana w’umwigeme yarakwiye kwimenya.Ntaco abuze ngo agire nka basazawe kuko ni agahembo iyo kabenetse karangana, mugutorana ibisigi vy’abavyeyi baranganya.Ivyo amaze kubimenya yoca yitegurira kubaka azi ko agaiye gufasha atagiye gufashwa.
Reta nayo yokwitaho umwana w’umwigeme kuko umukenyezi ava mu mw’igeme.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel