Scroll to Top

#Indundi Sports| Basket Ball: Basabwe kwironderera impapuro z’inzira kugira baje mu Misiri.

By Alain Muhirwe /Published on Tuesday, 07 Mar 2017 13:34 PM // 303 views

Abasore buca baserukira igihugu, mu nkino z’akarere ka gatanu, mu rukino rwa Basket Ball, bagana igihugu ca Misiri, basabwe kwironderera impapuro z’inzira kugira baje guserukira igihugu.

Nk’uko twabimenyeshejwe na bamwe mu begereye  umugwi nserukira gihugu mu rukino rwa Basket Ball, abakinyi bagera kw’icumi muri 12, nibo bariko barimenyereza.  Ikibazo gikomeye bafise n’uko  basabwe kwironderera impapuro z’inzira (Passeport) kugira bashobore kuja mu gihugu ca Misiri ahasanzwe hategekanijwe ihiganwa ry’akarere ka 5.

Akaba atari ikibazo c’impapuro gusa kuko bivugwa ndetse bikanemezwa n’umumenyereza wabo ko atagahamba bazotekererwa nk’uko vyahora bigenda.

Inkino zikaba zizotangura mu mpera z’ino ndwi turimwo , umugwi nserukiragihugu w’Uburundi nawo, ugategekanya kuva hano mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa gatanu.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel