Scroll to Top

Ingurane ku barimyi ngo ni imwe mu nzira zishobora kuzamura ubutunzi

By glmteam / Published on Wednesday, 08 Mar 2017 07:12 AM / /

Mu kiringo ngo , ama banki yofata mu mugongo igisata c’uburimyi aciye mu nzira y’ugutanga ingurane,  ubutunzi bw’Igihugu bwoheza bukisununura. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umupfasoni SINANKWA Denise asanzwe arongoye ikigo kijejwe ukwihweza ivy’ubutunzi n’Imibano( Conseil Economique et Social) mu gihe yariko agirisha inama yari yatunganijwe ejo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 07 Ntwarante 2017, yari yakoraniyemwo abadandaji hamwe n’abandi baserukiye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Uguha ingurane abarimyi rero ngo nibwo buryo bwonyene bushoboka kugira ico gisate gishobore kwisununura . Eka n’abahinga babizoberereyemwo banyuranye barerekanye uburyo bunyuranye izo nzira z’ukugurana abarimyi zocamwo bigaheza bikazamura ubutunzi bw’Igihugu.

Yamara rero, akagihaze ko ntikabuze. Ngo hari hakenewe nyabuna kubanza gushirwaho amabanki asanzwe yoba agenewe ubwo buryo bw’ukugurana abarimyi, yamara imbere y’ivyo ngo hakabanza kubaho ikigega kiza nk’icinshingizi c’abarimyi , coheza kikaja mu gishingo cabo mu kiringo nk’umwimbu utogenda neza  ngo baheze baronke uko bishura izo ngwati.

Aha twokwibutsa ko, igisata c’Uburimyi kiza ubwambere mu guterera m’ubutunzi bw’igihugu, na narirya kandi arico gitunze abarundi ku rugero rurenga ibice mirongo icenda kw’ijana.

Ikindi twomenyesha n’uko Igihugu cacu c’Uburundi kiza mu bihugu bikenye cane kw’isi,nayo ngo abarundi babiri kuri batatu ngo bakaba babayeho mu bukene butagira izina( En dessous du seuil de pauvrété), ubu hoho bikaba vyunyutse kubera ihindagurika ry’ibihe ryadurumbanije umwimbu.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel