Scroll to Top

Urudandazwa rw’amagendo rw’ibitenge i Muyinga

By Julien Barinzigo /Published on Wednesday, 08 Mar 2017 08:39 AM // 291 views
Imodoka yarimwo ibitenge binyegeje mu kibanza c’imoteri

Uwurongoye iperereza mu ntara ya Muyinga yifatiyre kuri uyu wa gatatu igenekerezo ry’ 9 Ruhuhuma imodoka yo mu bwoko bwa Proboxe ifise imparati I0306A yuzuye ibitenge vyari biturutse mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Abari ngaho bavuga ko nyene iyo modoka yariko irakoreshwa muri urwo rudandazwa rudakurikije amategeko yari yakoresheje ubuhinga buhanitse mu gupakira ivyo bitenge muri iyo modoka.

Ivyo bavuga biribonekeza no ku masanamu yafashwe igihe yaha garikwa.Ibitenge bimwe binyegeje mu kibanza kirimwo imoteri y’imodoka gutyo biragoye guca n’ikanda ko hari ikintu coba kiri muri ico kibanza.Ibindi bitenge biba binyegeje muri twa dusego bicarako canke begamira mu modoka.Eka hari n’ivyari binyegeje mu majante y’amapine y’imodoka.

Muntara ya Muyinga haravugwa urudandazwa rw’amagendo rukomeye.Ibidandazwa bimwe bikaba vyinjira bivuye mu gihugu ca Tanzaniya ibindi biturutse mu gihugu c’Ubuganda.Kuri urwo rudandadazwa hiyongerako urujanye n’inzahabu ziba zimbwe mugabo ku buryo budakurikije amategeko.

Amakuru yo kwizera avugako hari igitigiri c’abantu b’abagabo ubu muri ikigihe bagwaye indwara zikomeye ziri cane cane mu busohokero bw’umwanda mukuru kuko ngo bahora banyegeza inzahabu mu kibuno mu kurindira ko baja kuzisohora bashikiriye abo bazigurishako.Izo ndwara ngo zisinzikaje abantu b’i Butihinda na Kamaramagambo. Bamwe muri bo ngo babigumiza mw’ibanga ariko ababazi bemeza ko bama baryamye mu mazu amwe amwe y’ i Kobera ku mupaka Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel