Scroll to Top

Naho bidogera Ecobank Burundi, yo ngo ntakundi yari kugira

By La Rédaction / Published on Thursday, 09 Mar 2017 07:55 AM / /

Haraciye imisi abanywanyi bafise amakonte muri Ecobank Burundi basanzwe bakoresha bwa buhinga bw’ukubikura canke ukurungikira amafaranga abagenzi n’incuti bakoresheshe agakarata Visa ordinaire bidodomba ko Ecobank yabahinduriye kuko ngo ivyo bahora bakoresha ako gakarata bitagishoboka.

Ivyo bikaba vyashikiye baba abasanzwe batuye mu Burundi canke mu makungu bahora bakoresha ubwo buhinga, aho bitakiborohera kugura ibintu bakoresheje iyo karata, gukura amafaranga kuri konte yabo ya Ecobank Burundi bakoresheje ako gakarata hamwe n’ibindi ako gakarata kahora kabafasha.

Nayo ku ruhande rwa Ecobank Burundi, ngo ntakundi yari kugira atari ukwugara ayo makarata Visa ordinaire kuko ngo bari bakeneye gukurikiza ingingo y’uko ayandi mabanki yose asanzwe akora. Ecobank Burundi iboneraho n’uguhumuriza abanywanyi bayo ko gushika ubu bashobora gukoresha akandi gakarata gashasha Visa Gold kugira ngo babandanye bahanahana amafaranga n’incuti n’abagenzi aho bari hose kw’isi nzima bitagoranye.

Nayo Bukuru Audace asanzwe arongoye ishirahamwe ry’amabanki ”Association des banques et établissements financier du Burundi”, Abef mu mpfunyapfunyo, amenyesha ko iyo ngingo Ecobank Burundi yafashe ko yari ikenewe na canecane mu kugarukira ukungene amafaranga y’agaciro yari asigaye akoreshwa kuko ngo vyari bisigaye bimeze nabi aho ngo nk’abarundi bari basigaye baja kubikura amafaranga mu gihugu kibanyi ca Congo bakayabikura mu mafaranga y’abanyamerika ”dollars”, mu nyuma ngo bagaheza bakagaruka i Burundi kuyavunjisha mu marundi.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel