Scroll to Top

Ngo mu mezi atatu azoba yatanguye gukora ukuri kwamye

By La Rédaction /Published on Thursday, 09 Mar 2017 08:38 AM // 487 views

Mu mezi atatu atarenga ntarenguke, ngo ya matara afasha mu gukinga impanuka zo mu barabara bakunze kwita feux rouge, (Feux tricolores de signalisations) mu kinyamazuru ngo azoba yatanguye gukora ukuri kwamye mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko biherutse gushikirizwa n’umuyobozi mukuru mu bijanye n’amabarabara, DG ai BAKIRE NZOYISABA Vincent, ngo mu misi ya vuba uruja n’uruza rw’abantu n’ingendeshwa mu gisagara ca Bujumbura ngo ruzohora rurabwa n’amatara y’amabara akunze kwibononekeza mu bisagara bitandukanye vyo mu bindi bihugu, feux tricolores de signalisation mu kinyamazuru, ndetse n’ingingo z’ukuzoyakingira ngo ziza ziriko zirirwa hagati y’ubuyobozi buraba ibijanye n’amabarabara hamwe n’abayobozi b’igisagara ca Bujumbura.

Umushingantahe BAKIRE NZOYISABA Vincent abandanya amenyesha ko uburyo bw’ukuzosubiramwo ayo matara ko buzova mu mugambi multinational RN3 ubicishije mw’ibanki y’iterambere rya Afrika, Banque Africaine de Développement, nayo ngo umucanwa ayo matara akazoba akoresha ngo akazoba atangwa n’izuba.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel