Scroll to Top

Ibishikirizwa ku nama y’umutekano ya NU yaraye ikoraniye i New York

By La Rédaction / Published on Friday, 10 Mar 2017 01:06 AM / /

Inama nkuru y’umutekano w’ibihugu bihurikiye muri NU (Conseil de sécurité des Nations-unies), yaraye ikoranye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 9 Ntwarante uwu mwaka hariya i New York ikaba igiye guhagarara cane ku kibazo c’Uburundi, aho abashoboye kuyitaba bazohanahana ivyiyumviro ku cegeranyo giherutse kugirwa ku Burundi n’umunyamabanga mukuru wa NU, Antonio Guterres, aho yerekana amakenga afise ku mutekano w’Uburundi n’ibijanye n’ugushobora gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kwa Perezida Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2020.

Tasiyano Sibomana umwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Leta y’Uburundi akaba ngo yipfuza ko iyo nama y’umutekano ya NU yoshira mu ngiro ingingo imaze gufata ku Burundi na canecane nk’ingingo yari yarafashe y’ukurungika abapolisi ba ONU gucungera umutekano mu Burundi hamwe n’ukwumvisha Leta y’Uburundi gushobora kugira ibiganiro bihurikiyemwo bose mu ntumbero y’ukuva mu ngorane zimaze imyaka zisinzikaje Uburundi.

Nayo kubw’umukuru w’umugambwe RADEBU, bwana Jean de Dieu MUTABAZI, ngo umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yari akwiye gutahura ko ivyegeranyo bikunze gushikirizwa ku Burundi bimenyesha ko ziriko zirasha muri iki gihugu ko ari ibihuha ataho bifatiye bishikirizwa n’inyanka Burundi kuko gushika ubu mu Burundi ngo amahoro n’umutekano vyarateye intambwe ishimishije ugereranije no mu misi ya hera.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel