Scroll to Top

Iki nico cabakoranije kugira ngo barabe ko bogitorera umuti

By La Rédaction /Published on Friday, 10 Mar 2017 02:23 AM // 371 views

Uguhanahana ivyiyumviro ku muti wotorwa kugira ngo amahoro n’umutekano bisasagare mu Burundi nico cari cakoranije kuri uwu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 9 Ntwarante uwu mwaka, abashingamateka, abakenguzamateka batandukanye hamwe n’abagize umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro hagati y’abarundi, CNDI mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yari yitavye iyo nama akaba yamenyesheje ko yipfuza ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano y’i Arusha ko vyohinyanyurwa maze bigashirwa ku gihe Uburundi bugezemwo uwu musi mu ntumbero y’ugutorera inyishu ibibazo bijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu ari navyo vyateye imvururu Uburundi buhitiyemwo.

Nk’uko Honorable Nyabenda yabandanije abishikiriza, ivyo ngo vyokorwa habanje kwihweza ibisanzwe bivurwa mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe no mu masezerano y’i Arusha gutyo ngo hagaheza hakihwezwa igisumba ikindi. Yarongeye asaba ko hoba komisiyo yamaho yoba ijejwe ibiganiro hagati y’abarundi mu ntumbero y’ugukinga ingorane zidahera Uburundi bwamamwo.

Nayo umukuru w’inama nkenguzamateka Révérien Ndikuriyo nawe nyene yari yitavye iyo nama akaba yashikirije ko afise amakenga kw’isano riri hagati y’ibiganiro bihuza abarundi bihagarikirwa n’uwahoze aramutswa igihugu ca Tanzaniya, bwana Benjamin William Mkapa hamwe n’ibisanzwe bikorwa n’umurwi CNDI, aboneraho gusaba abagize uwo murwi CNDI ko boshikira umuhuza Mkapa maze bagaheza bakaganira ikintu nyamukuru ibiganiro bihuza abarundi vyoshimikirako.

Yarongeye amenyesha ko yipfuza ko imigambwe yogira urugero ishikako gutyo ntihabe imigambwe y’ingwizamurongo ndetse n’abarundi bakama na ntaryo bamenya ko mu gihe habaye ihiganwa ko hama hari uwutsinda n’uwutsindwa kandi ko intwaro zama ziva mu bashoboye gutsinda ayo mahiganwa.

Eka no mu bari bashoboye kwitaba iyo nama bakaba barashikirije ibitari bike harimwo ubwigenge bw’ubucamanza, amatora yo ku mugaragaro, itangwa ry’akazi ka Leta hatarabwe nkunzi, imigambwe canke ubwoko kanaka akomokamwo, uguserukirwa ku rugero rungana n’urw’abagabo kw’abakenyezi mu nzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu n’ibindi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel