Scroll to Top

Ubuhinga bushasha Masterpass muri Ecobank Burundi

By La Rédaction /Published on Friday, 10 Mar 2017 03:18 AM // 163 views

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 10 Ntwarante uwu mwaka niho ibanki Ecobank Burundi iriko iratanguza ubuhinga bushasha bwitwa Masterpass QR, ubwo nabwo bukaba bugiye gufasha mu gushobora kuriha ibintu bitandukanye umuntu akoresheje agahamagazo kiwe bitagoranye hamwe n’uguhanahana amafaranga.

Mu birori vy’iyugururwa ku mugaragaro ry’ubuhinga bushasha Masterpass QR bwatangujwe na Ecobank Burundi biriko bibera muri Restaurant ARENA yo mu gisagara ca Bujumbura, abantu batari bake bashoboye kuvyitaba nk’abaserukira ibanki nkuru y’igihugu, umurwi w’abagize Ecobank, uwuserukira ubumwe bwa Afrika, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu JOHN SNOW INC, n’abandi.

Ubwo buhinga Masterpass QR ngo bukaba bugiye kuzofasha abarundi kurungika canke kwakira amafaranga mu bihugu bigera kuri mirongo itatu na bibiri ata mafaranga birinze gutwara.

Nayo ikoreshwa ry’ubwo buhinga kuri ngendanwa nk’uko bishikirizwa na Inès Igiraneza ngo rikaba rikoreshwa kuri za Android, téléphones Apple hamwe na Windows, bukaba busanzwe bukora mu ndimi zine arizo igifaransa, icongereza, igi portugais hamwe n’iki espagnol, aho ikonte ya Digital Ecobank izoba ifatanye n’inomero ya ngendanwa y’umuntu yahora akoresha mu gahamagazo kiwe.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel