Scroll to Top

Ivyavuye mu nama y’umutekano ya NU iherutse kubera i New York

By La Rédaction / Published on Saturday, 11 Mar 2017 01:59 AM / /

Ivyari vyitezwe mu nama nkuru y’umutekano ya NU yari yakoraniye i New York ku musi wa kane uheze ngo ntivyahavuye biba.

Nk’uko iki kinyamakuru canyu indundi cari cabibamenyesheje, ku musi wa kane uheze igenekerezo rya 9 Ntwarante uwu mwaka hariya i New York hari haramutse hakorana inama nkuru y’umutekano ya NU, aho ikibazo c’Uburundi arico cari kw’isonga ry’iyo nama.

Ku vyaheruka gushikirizwa ku Burundi n’umuhanuzi adanzwe w’umunyamabanga mukuru wa ONU, bwana Jamal Benomar, ko mu gihe Perezida Nkurunziza yosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2020 ngo vyotuma ingorane Uburundi busanzwe burimwo ziyongera, intumwa z’Uburundi zari zitavye iyo nama ziherekejwe n’uwuserukira Uburundi i New York, Ambassadeur Albert Nshingiro, zamenyesheje ko ivyo bijanye n’ama mandats ya kane canke ya gatanu ko bitarashikirizwa mu Burundi, yamara ko ari ukurementanya ibitagira mvura ari navyo vyatumye Uburundi burwa mu ngorane kuva mu mwaka wa 2015, kuko ngo ivyo nta n’uwundi mutegetsi wa ONU arabishikiriza kiretse Benomar.

Nayo umuhanuzi mukuru mu bijanye n’itangazamakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, abona intsinzi mw’iyo nama iheruste kubera i New York mu gihe hari abashaka gusabira ibihano Uburundi n’ababurongoye yamara bikaba impfagusa.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel