Scroll to Top

Ivyaganiriwe mu rugendo baherutse kugira mu bihugu vya Kenya na Uganda

By La Rédaction /Published on Saturday, 11 Mar 2017 10:02 AM // 472 views

Intumwa z’inama nshingamateka y’Uburundi zirongowe n’icegera ca mbere c’umukuru wayo, honorable Rwasa Agathon, kuri uwu wa 10 Ntwarante zarashikirije inama nshingamateka y’Uburundi ivyegeranyo bibiri bijanye n’urugendo baherutse kugira mu bihugu vya Kenya na Uganda.

       Honorable Agathon Rwasa, icegera ca mbere c’umukuru w’inama    nshingamateka

Honorable Rwasa Agathon ari nawe yashikkirije ivyo vyegeranyo  uko ari bibiri, akaba yamenyesheje inama nshingamateka ko urugendo bagize rwagenze neza aho muvyo baganiriye n’inama nshingamateka zo muri ivyo bihugu bibiri bagendeye ngo vyari bihagaze canecane ku migambi y’iterambere rirama hamwe n’imfashanyo ubumwe bwa Buraya buronsa impunzi z’abarundi.

Muri iyo mibonano, umukuru w’intumwa z’abashingamateka b’Uburundi akaba ngo yaragarutse ku vyaheruka kwihwezwa mu nama ya komisiyo y’iterambere mu bijanye n’ubutunzi aca aboneraho gusaba ugufatana munda kw’ibihugu bigize akarere ka ACP mu ntumbero y’ugufashanya kugira ngo baze bigize kure ingingo zitorohereza zikunze gufatirwa Uburundi n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.

Izo ntumwa zikaba zarananeguye inyifato y’ubumwe bwa Buraya igomba kwigiza kure Uburundi mu bijanye n’amasezerano y’ubucuti mu vy’ubutunzi hagati y’ubumwe bwa Buraya n’ibihugu bisanzwe bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel