Scroll to Top

Ubukene bw’amavuta y’ikigazi burabangamiye ababo

By Julien Barinzigo /Published on Monday, 13 Mar 2017 07:38 AM // 232 views
Bimwe mu bigazi vyatewe mu Kizuka, Komine Rumonge,Ifoto Poverty Truckers

Kuva aho ishirahamwe ritunganya ibijanye n’umwimbu uvuye ku kirimwa najabukamazi c’ikigazi mu ntara ya Rumonge ariryo OHP rifatiye ingingo yo gusitura ibigazi ngo riteze bishasha vyogira umwimbu ushimishije, amavuta benshi bita amamesa yaciye atangura kugabanuka.

Mu kurindira ko ivyatewe biri mu bwoko bwa dura na tenera bishikira ikiringo co kwama iryo shirahamwe ntiryigeze rifata ingingo zotuma abahora bafungura ayo mavuta batagira ingorane.Vya giye kunyurwa n’ingorane z’umutekano zibonekeje mu Burundi aho n’abahora bazana amavuta mu kinyegero bayakuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya batasubiriye kugira urwo rudandazwa.Ibikorwa vyabera ku mahinguriro y’amavuta vyaragabanutse.Ivyo biribonekeza ukiva i Nyanza Lac gushika mu Minago aho mu gihe giheze wasanga ibigazi bigira bisebwe vyuzuye amakunguru

Muri Komine Nyanza Lac ikidumu c’amavuta cavuye ku mafaranga 18.000 kija ku 25.000 hanyuma ku 35.000 ubu kigeze ku 43.000 y’amafaranga y’amarundi mu kiringo kitarenze imyaka itatu gusa.Muri Komine Rumonge iritiro y’amavuta igeze ku mafaranga 2.000 y’amarundi ni cokimwe no mu gisagara ca Bujumbura.Uku kungana kw’ibiciro mu Rumonge na Bujumbura bituruka ku mavuta ava ku Musenyi muri Bubanza.

Intara zirimwo abantu benshi kandi badashoboka gufungura neza ayo mavuta atabonetse ni Makamba, Rumonge, Bujumbura na Cibitoke.Izo ntara nazo uko bukeye uko bwije abantu baguma bagwirirana ku murindi urengeje.Akarorero ni intara ya Makamba aho usanga ikomine imwe iri muri iyo ntara irusha abantu iyindi ntara yo mu gihugu.Nka Komine Nyanza Lac ihakwa gusumvya abantu intara ya Cankuzo.

Igiteye amakenga abatari bake ni uko n’ivyatewe umengo ntibimeze neza ugereranije n’ivyari bitewe muri ivyo bibanza  kera aho hambere hahise.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel