Scroll to Top

Iki nico urwaruka rw’imbonerakure yaruhamagariye gukora

By La Rédaction / Published on Monday, 13 Mar 2017 07:07 AM / /

Urwaruka rw’imbonerakure ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ruhamagarirwa kubana neza n’urundi rwaruka, rwaba urusanzwe ruri mu yindi migambwe canke urutari mu migambwe.

Ivyo n’ibiherutse gushikirizwa na Sylvestre NDAYIZEYE kuri uwu wa gatandatu uheze igenekerezo rya 11 Ntwarante uwu mwaka, mu gihe yari yaramutse yishikira ku rubuga mu ntara ya Muyinga kugira ngo yirabire ibikorwa bimaze kurangurwa n’urwo rwaruka.

Sylvestre NDAYIZEYE akaba yarakengurutse intambwe yasanze urwo rwaruka rugezeko mu bijanye n’ugutsimbataza amahoro n’umutekano, yongera abemerera ko azobandanya abafata mu mugongo mu migambi yabo maze ngo baze batorane igihugu kimeze neza bazoba barazwe n’ababakurira mu mugambwe CNDD-FDD.

Yaboneyeho n’ukubahamagarira kwirinda uwo wese azoba afise ihangiro y’ukubacanishamwo abazanamwo ibijanye n’amoko canke ibindi, kuko ngo Uburundi n’igihugu kigizwe n’abantu bavuga ururimi rumwe, ngo bakeneye kwibanira mu mahoro bafatanye mu nda.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel