Scroll to Top

Rwanda | Knowless aravuga ku gituma we n’umugabo batacambara impeta z’ubugeni

By KING YANN COOL /Published on Monday, 13 Mar 2017 08:06 AM // 3960 views

Knowless avuga ko ukuba we n’umugabo batambaye impeta bidasobanura ko hari ikibazo. Ahubwo avuga ko hari ikibazo ku ntoke zabo. 

Mu gihugu kibanyi c’Urwanda, hari hagize igihe impari z’ukumenyi nimba umuririmvyikazi Knowless n’umushingantahe wiwe Clement akaba na manager wiwe boba bakibona kumwe urukundo ruri hagati yabo. Intandoro z’izo mpari ngo n’uko ata mpeta bagize igihe bambara naho baguma baboneka barikumwe mu biteramo bitandukanye i Kigali.

Uwo muvyeyi w’umwana umwe mu kiganiro yahaye kimwe mu binyamakuru vyo muri ico gihugu cahuye n’ivyago vy’ihonyabwoko mu 1994, yamenyesheje ko ubucuti bwabo bukiri bwa bundi nyene, ngo we n’umugabo baracakundana ukuri kwamye. Ahubwo ikibazo c’izo mpeta ngo nico abantu bariko bagirako amakenga cane.

Intoke ziwe n’umugabo nkuko uwo muririmvyi wa “Ury’ukumbura” yabimenyesheje ngo nizo zateye ikibazo kuko zabaye nto bituma izo mpeta zidashobora kubakwira muri kino gihe, ngo bica bisabwa ko babanza kuzirungika ngo bikunde bazigabanye. Ivyo bikaba bimaze gihe gishika ukwezi, nico gituma baboneka batazambaye.

Ivyo bikaba bije vyiyongera mu bindi vyinshi bibavurwako buri gihe, uwo muririmvyikazi we akavuga ko ataco bimutwara kuko yamaze kubimenyera aho ikintu cose abantu baba bafise ikibi bakibonamwo canke bakivugako.

Knowless akaba  aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe ka nyuma yise “Urya unkumbura” ako akaba yagasohoranye n’amasanamu yako, aho yaviriye mu karuhuko mu gihugu c’ubwongereza.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel