Scroll to Top

Ivyaranguwe mu bushikiranganji bwegukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

By La Rédaction / Published on Wednesday, 15 Mar 2017 01:41 AM / /

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo ku musi wa mbere uheze igenekerezo rya 13 Ntwarante niho yashikiriza imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi, icegeranyo c’ivyaranguwe n’ubushikiranganji bugera ku munani busanzwe bwegukira ibiro vyiwe, vyaranguwe mu gice ca kabiri c’umwaka uheze wa 2016.

                     Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu bushikiranganji bw’intwaro ya hagati mu gihugu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yamenyesheje ko habaye akarusho mu bijanye n’ubutunzi bw’amakomine ugereranije no mu mwaka wa 2015. Mu bushikiranganji bw’umutekano naho, ngo muri ico kiringo harashoboye gufatwa ibirwanisho bitari bike bigizwe n’inkoho 209, amagerenade agera kuri 419, amabombe atandatu ya mortier 60, amasase menshi cane hamwe n’ibikoresho vya gisirikare na gipolisi bitandukanye.

Nayo mu bijanye n’itangwa ry’akazi mu nzego z’umutekano n’izukwivuna abansi, Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ibitigiri bitegekanijwe mu masezerano y’i Arusha no mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, ngo vyarakurikijwe haba mu bijanye n’ubwoko canke ibitsina, naho ngo usanga ivyo bitigiri bikunze kuza birahindagurika ku mvo z’ugukukuruka mu kazi canke ukwitaba Imana kwa bamwe bamwe mu bakozi ba Leta.

Mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye naho nyene ngo harabaye akarusho aho ingingo zishasha zafashwe n’ubwo bushikiranganji zashoboye gutuma ibijanye n’igiturire bigabanuka mu nzego zitadukanye zigize ubuzima bw’igihugu. Yamara ubwo bushikiranganji ngo bukaba bufise ingorane y’uburyo bukwiye bwotuma bushobora kurangura neza imirimo bwishinze.

Mu bushikiranganji bw’abakozi ba Leta naho ngo haribonekeje abakozi ba Leta bagera kuri 693 basanze bahawe agahembo kandi ata kazi bariko barakora hongera hafatwa n’impamyabushobozi za magendo zigera kuri icumi n’umunani.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu naho, ngo harabaye amasezerano y’ubucuti atari make yateweko igikumu muri uwu mwaka, ivyo vyose hamwe n’ibindi vyashoboye kurangurwa muri ico kiringo, ngo bikaba vyashoboye kugenda neza kubera umutekano wiyongereye muri uwu mwaka turangije wa 2016.

 

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel