Scroll to Top

Uwu musi niho barengutswa imbere ya sentare

By La Rédaction / Published on Wednesday, 15 Mar 2017 09:29 AM / /

Abagirizwa guhakwa kugandagura Lieutenant général Prime NIYONGABO kuwa 11 Nyakanga 2015, uwu musi niho barengutswa imbere ya sentare kugira ngo biregure ku vyo bagirizwa.

            Umukuru wa Etat-Major, Lieutenant général Prime NIYONGABO

Kuri uno wa 15 Ntwararnte kuri sentare nkuru yegukira sentare isubiramwo ya Gitega, niho abantu batanu bagizwe n’abasirikare batatu hamwe n’aba civils babiri bashobora kurengutswa imbere y’ubucamanza kugira ngo biregure kuvyo basanzwe bagirizwa.

Abo bagabo rero uko ari batanu bakaba bagirizwa gutegura bakongera bagashira mu ngiro ukugandagura umukuru wa Etat-Major, Lieutenant général Prime NIYONGABO Imana igakinga hamwe n’ugutunga ibirwanisho batabifitiye uburenganzira.

Umushikirizamanza mukuru wa Repubilika akaba yasabiye abo basirikare umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, nayo abo ba civils babiri abasabira umunyororo w’ugupfungwa imyaka mirongo ibiri. Urubanza rukaba rwahavuye rushirwa mu mwiherero rukazoheza rugasomwa inyuma y’ukwezi kumwe nk’uko amategeko abitegereza.

Twokwibutsa ko iryo bara ryahatswe kurwa mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga mu mwaka wa 2015 kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge hafi y’ikiraro c’uruzi Muha.

63 total views, 0 views today

Categories : homepage Justice kirundi

Add Comment