Scroll to Top

UG | Urubanza ku rupfu rwa mwene nyina wa Chameleon rwasubiriye kuvyurwa

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 15 Mar 2017 09:43 AM / /

Umuvyeyi wa Chameleon yasubiriye gusaba igipolisi ko comubwira aho amatohoza ku rupfu rw’umuhungu wiwe AKA47 yoba ageze.

Mayanja Gerald umuvyeyi w’umuririmvyi akomeye cane mu gihugu c’Ubugande  Jose Chameleon, yasubiriye kandi gukoma akaruru asaba igipolisi co muri ico gihugu kumubwira, aho amatohoza ku rupfu rw’umuhungu wiwe AKA47 yishwe mu mwaka wa 2015 ageze.

Umuvyeyi wa Dr Jose Chameleon

Uwo muvyeyi asaba ko uwigeze kuba ari Manager w’uyo muhungu wiwe Jeff Kiwanuka nawe yoja mu bagirwako amatohoza kuko afise amabanga y’urwo rupfu rw’umuhungu wiwe afise. Uwo mutama akaba kandi atunga urutoke igipolisi naco ko hari ivyo muri urwo rubanza badashaka kumubwira.

Ivyo ngo bishikirijwe n’uwo mutama mu gihe ico kintu casa n’icibagiranywe nkuko ikinyamakuru dukesha ino nkuru kibishikiriza. Uwo musore akwije imyaka ibiri agandaguwe, akaba yicishijwe inkoni mu kabare kitwa Déjà Vu Bar mu gisagara ca Kampala mu Bugande.

Mwomenya ko uwo  AKA47 yari umuririmvyi nka mwenye nyina, kandi akaba yariko aratera imbere be n’uwundi muvukanyi wabo Pallaso.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel