Scroll to Top

Basket Ball: Ubuganda buhejeje kwirahira Uburundi(99-54).

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 15 Mar 2017 15:46 PM / /

Inyuma y’urukino rwiza cane abakinyi b’intamba mu rugamba ba Basket Ball berekanye ku munsi w’ejo, aho batsinda umugwi nserukiragihugu wa Somalia. kuri uno mugoroba ntivagenze neza kuko bahejeje gutakaza urukono imbere y’igihugu c’Ubuganda.

Mu rukino rwatanguye biboneka ko umugwi w’Ubuganda ufise ishaka n’inguvu kurusha Uburundi, abasore ba Olivier Ndayiragije ntibashoboye kuvyifatamwo neza imbere y’abaganda. kuko agace ka kabiri bita 2e quart temps karangiye ari amanota 36 kuri 17, agace ka gatatu kaza kurangira ari 71 kuri 39, aho hose akaba ari Ubuganda bwari mbere. Urukino  rukaba rurangiye ku manota 54 y’Ubuganda kuri 99 y’Ubuganda.

Tubibutse ko izo nkino ziriko zibera mu gihugu ca Egypte aho Uburundi buri mw’itsinda rya B n’ibihugu vy’Ubuganda hamwe n’umugwi wa Somalia, murindi tsinda ho hakaba harimwo imigwi nka Rwanda, Kenya, South Sudan hamwe na Misri.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel