Scroll to Top

Ubumwe bwa Buraya ngo ntibwigeze buheba Uburundi

By La Rédaction /Published on Thursday, 16 Mar 2017 01:46 AM // 344 views

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ngo ntabwo ryigeze riheba kugiriranira imigenderanire hamwe n’ubucuti n’Uburundi ndetse ngo ntirirota rinabikora.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ariko aganira n’uwuserukira UE mu Burundi, Wolfram VETTER

Kuri uwu gatatu waraye uheze igenekerezo rya 15 Ntwarante 2017, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yarakiriye mu biro iwe umuserukizi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi, bwana Wolfram VETTER, aho baganiriye ibitari bike ahanini vyerekeye ubucuti buri hagati y’Uburundi n’iryo shirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, imibano hamwe na politike.

Bwana Wolfram VETTER akaba yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya asanzwe aserukira mu Burundi ko ryamye kuva kera ari umugenzi w’Uburundi kandi ko ritanarota riheba Uburundi kubufasha mu bisata bitandukanye vyaba ibijanye n’ubuhinga ndetse n’ukubufasha kuva mu ngorane za politike busanzwe burimwo gushika ubu.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel