Scroll to Top

#Breaking News | Issa Hayatou asezerewe ku burongozi bwa CAF na Ahmad Ahmad

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 16 Mar 2017 06:23 AM / /


Inyuma y’imyaka yababa 30, umutama Issa Hayatou, arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru  muri Afrika CAF, kuri uno wa kane, igenekerezo rya 17 Ntwarante,  mu gisagara ca Addis Abeba, umunya Madagascar, Ahmad Ahmad, ahejeje gutsinda amatora yamuhuza n’uyo yaramaze igihe atwara ishirahamwe rya Afrika.

Ku majwi 37, Ahmad Ahmad yari asanzwe arongoye ishirahamwe r’umupira w’amaguru muri Madagascar, yarushije Issa Hayatou we, yaronse amajwi agera kuri 20.

Ku myaka 57, akaba asubiriye Issa Hayatou we yarageze ku myaka 70, akaba yariko mbere ahiganirwa ikiringo kigira icenda kuva mu 1988.  Issa Hayatou akaba yari agize minsi  atungwa agatoki ku bitagenda mu ndinganizo y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, na cane cane ivyerekeye itangwa ry’amasoko ku mashirahamwe amwe amwe.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel