Scroll to Top

Tz | Icobo cari hagati ya Wolper na Harmonise cafuriwe, ubu n’abakunzi

By KING YANN COOL /Published on Thursday, 16 Mar 2017 10:08 AM // 904 views

Umubano w’igihangange mu mareresi y’abatanzania Jackline Wolper hamwe na Harmonize woba utifashe nkuko abantu bari bagize imisi bawubona ku mbuga ngurukanabumenyi. 

Mu kiganiro uwo muririmvyi yahaye Clouds Fm ku musi wa gatatuariko ashira ahabona akaririmbo kiwe “Niambie”, yamenyesheje ko muri kino gihe ubucuti bwasubiriye gutotahara. Icari catumye basa n’abatagicana uwaka, ngo kwoba kwari ukutumvikana kwabaye hagati yabo ariko ubu ngo barayaga neza cane kandi n’urukundo rurabandanya.

 

Babajijwe nimba ukutavugana kwabo kutoba kwabaye kugira indirimbo yiwe Niambie igire ico imara, Harmonise yamenyesheje ko atarivyo na gato. Uwo muririmvyi muri ico kiganiro nyene yahishuye ko mu masanamu y’iyo ndirimbo yafatiwe kwa Madiba ngo n’uwo mukunzi wiwe nawe nyene arimwo, ngo igituma n’uko iyo ndirimbo ahanini ivuga uwo mukunzi wiwe.

Mwokwibuka ko abo bose uko ari babiri bari bagize imisi batadaca uwaka, Jackline we akaba yari yaranamaze kubishikiriza aho yamubwiye ko ivyiwe nawe vyamaze guhagarara. Ariko uwo muririmvyi we akaba atashimye kugira ico ashikiriza kuvyavurwa hirya ni hino, gushika iyo ndirimbo isohoke.

Iyo ndirimbo ikaba gushika ino saha iriko iragurishwa ku buhinga bw’ingurukanabumenyi, ikaba kandi banayishize kuri WASAFI.COM. Urwo rubuga rushasha rukaba rwashizweho n’inzu y’ubudandaji ya Diamond Platnumz mu ntumbero yo kworohereza abanya Tanzania kugura n’ukugurisha indirimbo zabo vyoroshe.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel