Scroll to Top

kaze Gilbert Demunga na bagenzi we bagiye kubura mu rukino ruzobahuza na rusizi

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 17 Mar 2017 04:39 AM / /

Amakuru Indundi Sport yaronse n’uko bamwe mu bakinyi ngenderwako mu mugwi wa LLBS4A usanzwe ufise ikibanza ca mbere mwi Higanwa rikuru ryo mu Burundi Primus league, batazoboneka mu rukino ruzobahuza n’umurwi wa ruziki kuri uno wa mungu igenekerezo rya 19, aho umugwi wa Rusizi uzoba wakiriye umugwi Wa LLB S4A.


Uyo mugwi Wa LLB S4A biza kuwugora udafise abakinyi bagera kuri bane mu Kibuga . abo nabo n’uwahoze ari kizigenza w’umugwi Wa vital’o kera ari Kaze Gilbert Demunga afise amakarata agera kur’ atatu, akaba atazoboneka mu Kibuga. Uwundi atazobineka n’umwugariro wabo asanzwe abafasha ariwe Rugonumugabo stepahane , uwagatatu ni umunyegori wabo ahora atangura mu Kibuga ariwe Mutombo Fabien, tutibagiye n’umusatirizi wabo ariwe Thomson abo Bose bakaba bafise amakarata arenga kuri abiri kimwe abakunzi buwo mugwi bavuga yuko kubura abakinyi bakomeye nkabo bishobora kubabera intambamyi yo gukura amanota atatu hariya mu cibitoke co Mugugombo.

LLBS4A ukaba uri mu kibanza cambere ufise amanota 48 ukurikirwa n’umugwi Wa vital’o ufise amanota 46.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel