Scroll to Top

Tz | Irene Uwoya ahigishwa uruhindu n’igipolisi ca tanzania

By KING YANN COOL / Published on Friday, 17 Mar 2017 07:40 AM / /

Irene uwoya umwe mu bihangange muri Film mu gihugu ca tanzania, arahigishwa uruhindu n’igipolisi co mu gihugu ca Tanzania ngo asobanure ivy’urupfu urw’umu Motar yashikanye kwa muganga ariko agaca apfa bukeye bwaho. Aho hari ku musi wa mungu igenekerezo rya 12 ntwarante i Dars- es-sallam.

Uwo mukinyi w’amareresi amenyesha ko ataho yagiye naho igipolisi kivuga ko kitamutora, ngo we yiteguye gutanga umuco ku bibazo bitandukanye bomusaba, ariko mu gihe bomurondera mu nzira zitomoye kuko ubu bariko bamurondera mu buryo butari bwiza.

Igipolisi co kikavuga ko kitaramutora ngo asobanura ivyabaye, igituma ngo nuko afise vyinshi azi vyotuma hamenyekana uko vyagenze kugira uwo mu Motar agire ico kibazo. Umwe mu batwara ikigo c’igipolisi ahitwa Kinondoni mu gisagara ca Dars-es-sallam  acishije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Global Publishers co muri ico gihugu ca Tanzania, avuga mu gihe Uwoya atokwitaba ku neza  ngo hazosohorwa imitahe imurondera.

Ikinyamakuru Global naco cahavuye kirondera kumenya uko Uwoya yahuye n’uwo musore nyakwigendera yitavye Imana. Uwoya atunga urutoki abapolisi ko ataco bakoze ngo bafashe uwo mu motar. Igituma ngo nuko aho yagera ahabereye isanganya yasanze aba Polisi bicaye ataco binona kandi umuntu agira apfire imbere yabo. Ababaza nimba ataco bofasha uwomuntu nabo bamwishura ko ataco bomufasha kuko ata modoka yo kumutwara kwa muganga bafise.

Uwoya yagize umuti w’ikigongwe abasaba kumushira mu modoka yiwe ngo amutware, ariko babanje kumushirako amategeko ngo abashirire umukono kuri Report bategerezwa gutanga, yanka kubikora noneho yirukangana umuntu kwa muganga.  Uwo mukinyi ngo ntivyamworoheye kuko no kwa muganga babanje kumutuma amananiza ngo bamuvurire uwo muntu naho yahasanze abandi bagize ibisida nk’ivyo ariko atawuriko abitaho.

Bagerageje kurondera imiti barayibura, ariko Imana imugirira ubuntu batangura kuvura uwo murwayi yarafise. Ivyago ntivyagarukiye ngaho kuko igipolisi cahavuye gitwara uwusanzwe amwunguruza(Chauffeur), amaze kuronka abagenzi b’uwo mu motar ngo yahavuye agerageza gukurikirana ivy’uwo yamutwara ngo amenye ivyiwe, ariko amuhamagara atarashika ku gipolisi amubwira ko bamurekuye.

Umubabaro uwa Uwoya ntiwagarukiye ngaho kuko inyuma y’umusi umwe gusa yahavuye arondera abagenzi b’uwo mu motard ngo amenye uko amerewe, ariko aza kumenya ko yamaze kwitaba Imana.

Gushika Nkuko amakuru dukesha Global abishikiriza igipolisi ntikirabasha kugira ico kibwiye ibinyamakuru ku  rupfu rw’uyo mu motar.

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel