Scroll to Top

Rwanda | Saidi Brazza yasubiriye kandi gufatirwa mu biyovyabwenge

By KING YANN COOL /Published on Friday, 17 Mar 2017 09:31 AM // 1862 views

Saidi Brazza yasubiriye kandi gufatirwa mu biyovyabwenge i Kigali Mu Rwanda, aramutse abonetse nk’uwudandaza ivyo biyovyabwenge akaba ashobora gucibwa umunyororo ushika ku myaka 5.

Umuririmvyi  Saidi Brazza yasubiriye kandi gufatirwa mu biyovyabwenge i Kigali mu Rwanda nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri ico gihugu abishikiriza.

Uwo muririmvyi yaheruka mu kigo gisanzwe gifasha kugorora abamugariye muri iyo nzira y’ibiyovyabwenge(i Wawa), yari yamenyesheje ibimenyeshamakuru ko ubu agiye gufasha kugira urwaruka ruhagarike ivyo biyovyabwenge akoresheje umuziki. Ariko imisi mikeya inyuma y’ukuvayo yaciye asubira kandi gufatirwa murivyo.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Igihe co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi yamenyesheje ko yagize ikibazo c’ugusubira kandi kubana n’abantu basanzwe bakoresha ivyo biyovyabwenge. Nkuko yabandanije abimenyesha ngo vyamuteye gusubira kandi kubikoresha.

Saidi Brazza yabonetse mu bantu batari bake bafatiwe mu mukwabu wakozwe n’igipolisi i Kigali mu duce dusanzwe twiganjemwo urudandazwa rw’ibiyovyabwenge birimwo urumogi hamwe n’ibiyovyabwenge nyamahanga nka Cocaine.

Amakuru dukesha ico kinyamakuru nuko uwo muririmvyi aramutse abonetse ko adandaza ivyo biyovyabwenge ashobora guca acibwa umunyororo uri hagati y’umwaka n’imyaka 5, hamwe n’ihadabu ry’amafaranaga ri hagati y’ibihumbi 50 n’ibihumbi 500 vy’amanyarwanda (1.500.000 fbu).

Mwomenya ko Saidi Braza ari umunyarwanda yavukiye i Gisenyi mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko mu mwaka wa  1959 ariho we n’abavyeyi biwe basuhukira ngaha iwacu, ari naho yahavuye aburira abavyeyi biwe bose. Saidi Brazza yamenyekanye cane mu ndirimbo zitandukanye nka Yameze amenyo, Kugasaka, Twiganirira n’izindi zitari nke. Mu mwaka wa 2014 akaba uwo muririmvyi yamenyesha ku mugaragaro ko atahutse iwabo, ariko imisi mikeya inyuma yahavuye aca afatirwa muri ico kibazo c’ibiyovyabwenge.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel