Scroll to Top

Peter Niyo yashigikiwe na Bamwe, abandi bamutera ivyatsi kuvyo yashikirije

By KING YANN COOL / Published on Friday, 17 Mar 2017 10:22 AM / /

Naho bamwe bamushigikira Peter Niyo kuvyo yashikirije ku giteramo catumiwemwo darassa mu gihugu kibanyi ca Tanzania, abandi nabo babaibona ukundi bamwe bakanamutako ishavu.

Nkuko twari twabibashikirije ku musi w’ejo ko Pter Niyo yakiranye umubabaro udasanzwe kubona hatumiwe umuririmvyi w’umunyamahanga mu giteramo aha i Bujumbura, ikimubabaje gusumba ngo n’amafaranga y’ikirenga agira ajane muri Tanzania ata n’ikori atanze mu gihe abarundi buzuye.

 

Peter Niyo yagize ati :

Patriotisme irakenew mu Burundi si no ntiturikukira !uyo mwita ngo ni darasa aririmba iki abarundi batoririmba ? Niba arumuririvyi avaha hanze turabafis barihanze baririmb neza kuruta uyo mu tz Fizzo,kidum nabandi !izo millions zizokurira indege atanikori zitanze zipfiliye iki ubusa !oooh burundiii! Kimwe gusa nosab kuriyo affiche nibahindure bashireko B.face na Rallye Joe imbere hama uyo mu darasa ajinyuma yabo kuko baramurusha kuririmba bamurusha nama hit

Abatari bake baba abamenyeshamakuru, abahinyanyuzi eka n’aba fans b’umuziki bakaba baragize ico babivugako kuri Facebook kuma Post atandukanye bagiye babishirako. Imparurwa zikaba zaramushigikiye uwo muririmvyi, ariko abandi bo bakaba babona ko ari ishavu ry’uko nawe atatumiwe, abandi nabo bakavuga ko afitiye ishari abo baririmvyi uko ari babiri b’abarundi batumiwe muri ico giteramo.

Nkuko twabashije kubibona kuri urwo rubuga, uwo muririmvyi yanatewe ivyatsi kuko bamwe babona ko ari ingeso mbi yo kwiyamiriza umushitsi kuko abarundi nabo baramutse basohotse hanze boheza bakakirwa nabo. Abo bagize ico bavuga bakabona ko kanatsinda hari n’abarundi bahora basohoka igihugu ngo baje guserukira Uburundi.

Peter Niyo yahanuwe n’abandi ko yarakwiye kubanza kwanza akareka kutigereranya n’uwo muririmvyi kuko we ibikorwa vyiwe birimwo ubuhinga mbere n’uburyo butari buke. Bakabona ko yarakwiye kubanza kwanza akaraba ukuntu ibikorwa vyiwe(Peter Niyo) vyoheza bigatera imbere akareka amajambo.

 

Kurikiran ngaho musi zimwe muri Commentaire twabashije kubatororokaniriza hirya no hino kuri Facebook.

 

Darasa amefika pale alipo leo kwa sababu ya watanzania kwanini warundi kila siku ni kuponda wa kwetu na vya kwetu?
Inabidi mbadili sio fleshi ndio darasa aje lakini aone kama amefika fasi yenye inaishi watu wa mapenzi ya vyao…
@Cankuziano@

Aho wosanga darassa yawahe ama millions n’abo ba rally Joe bakaririmba free vyitwe gusa ko bakoranye concert?

None mushaka Buja hazokwame Concert Z’abarundi gusa vremaaaa… oya vrema!! Ni south afric aba nigeria bamayoooo!! Iyo ntiyoba ingorane na gato!! Knd guhamagara Darassa n ibintu bisanzw…. bamuha ama miliyoni kubera akor baz nez ko boyagaruz…!! Umurund ata na 300mill ashira mu muziki ahawe 20million hama nyene concert agahomba niy patriotism???

Peter kuvuga ko bamuruta akazi nta wovyanka gusa aho bahereye baririmba ariko ntibashake kwiha ako gateka ngo bamenyekanishe izina ryabo mu makungu reka ababikora barye kuko na Diamond akiza ino nuko vyar ub naho raba aho ageze kuber kwitaho akazi kiwe ko komenyekana kure habaho mbe Fizzo ko azi vyose ubona ar kurwego nkurwa Diamond?kand yatanguy kumenyekan kera gusa nta shaka bashiramwo mu kurondera uko bovuzwa hose hama bakagera kure nk’abandi.hinge burakeye aje Nigeria naho azobe atanguye kugera kure kimwe gusa reka kuvuga nabi kuk nawe burya twohava tugusanga mu kirori kand uriko uramutyoza canke ukifuza ko mukorana kuk aritazanura agatanga bike vyiza bizomushitsa kure.Ndaryohererwa Fizzo caaaane kuber arakora bigahimbar uwo wese guza naw nyene narek kugara ni aronder abandi baririmvyi bakomeye bakorane urab ko vuba tutazomwummv amez nka Diamond narirya afise impano ya vyose yoduza ibendera ry’igihugu kurusha uko abikora ubu.Abarundi ni dukore impembo izizana nk’abandi

hahahah cambu cake aca maneno weka mziki ham canke iyo n beaf kubera utar kur iyo affiche wew ntco ushoboye icara hasi utekerez darasa ni profesionnel sh hahah lol

Vrm niyo nashak arek ivyo bintu.kubera aririmvyi babarundi barapondana sana bakemera abohanze niyompamvu atobora kubihindura.ikindi naco iyo niyo ngarukambi yabaririmvyi buburundi gupondana sana bonyen kuri buyeny hagukundana batez imebere umuziki ndundi .ivyo bizokwama vyabay batagi urunani rwo kugwanya umuziki wohanze nga iwacu. kuko na peter niyonweny akunda ivyo hanz kuruta ivyiw.exempl indiribo yiw yitwa Makurata ndakurata ya peter niyo.yarerets abarundi ko adashoboy ko yemera abandi.none ashaka bamwemere atiyemera?

Peter niyo areke bifu. ese hari nkindirimbo ya $3000 arakora ko yibabariza ubusa? arabanza arabe iza Darasa hama nawe ashiremwo imitahe azaronka ayakwiye. ugiye gukora business kuko numuziki nakazi ntiwoshiramwo ubusa ngo witezw kwunguka? vyiza baze bitonda barondere umutahe hama bakore ikintu kizima kibajana kuri hit kandi bagakorera muma studio akomeye abamamariza. Peter niyo rero nareke kwirusha ahubwo abakwiye kwegera nka Darasa akamuha kumitwe yingene yotera imbere Clou zurababwira uwaranguje umuriyoni nuwaranguje zitanu ntibunguka amwe.

ndakubaz peter nkub vyoshik bakagutumir mugihug ca tanzanie ugir naw bokugirir ib urik ugir mugenz waw atanashik vyokuryoher?? urik uvug ng bahamagar big fizzo iy numuririmvy wiwac umwany wos mwomushak yoz icamber le30/4 azob ar ngah jw nibaz yuk wogabany amajamb tukabon ivy azokor hm cmmt terre izoz munyum

Wapi sivyo man noe ndakubaze iwanyu iyo mugize urubanza abashitsi biteka mubicarika imbere cnke inyuma?kazi na dawa

Mwomenya ko uwo muririmvyi Darassa hoba hari indirimbo yakoranye na B Face aho aheruka mu gihugu kibanyi ca Tanzania, aho yarajanye na mugenziwe Rally Joe.

Nawe gira ico uvuze ngaho muri muri Commentaire

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Add Comment

Comments (1)

simon khalifa nihorimbere
2017-04-10 00:00:00

peter niyo ufise icyibazo nyabak? ushaka mwebwe mwenyene mwigirire ibiteramwo? nimba bamuhaye izo millions nawe bisabe uzogire igiteramwo muri tz. siyo vizur kuponda wasani wenzako kesho ata kesho yake unaweza kumtafuta yani uki mbipu anakupigia .

Write a comment ...
Post comment
Cancel