Scroll to Top

Ku munsi w’ejo Messager Ngozi irakira Zesco United hano i Bujumbura.

By Alain Muhirwe /Published on Friday, 17 Mar 2017 13:53 PM // 636 views

Ku munsi w’ejo, ku kibuga ciitriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umugwi  wa Messager Ngozi uzoba wakira Zesco United, mu rukino rw’ugusubiriza , inyuma y’aho uherutse gutsindirwa ibitsindo bibiri kubus (2-0), mu gihugu ca Zambia.

Inyuma y’urukino rwambere, umwe mu bamenyereza ba Messager Ngozi, yarizeje abakunzi b’uyo mugwi ko vyose bishoboka, ibitsindo bibiri bakabigombora, n’ubwo umugwi wa Zesco United ari umugwi umenyereye ayo mahiganwa. Mwumvirize Vladmir Niyonkuru, inyuma y’urukino rwa mbere, rwabereye mu gisagara ca Ndola.

Mwomenye ko Messager Ngozi kugira urengane, igice ca mbere, wamanje gukuramwo umugwi wa KVZ wo mu mazinga ya Zanzibar, aho bamanje gutsindwa (2-1) mu mazinga ya Zanzibar ariko baza kubigombora. Mbega ku munsi w’ejo bazoshobora kubihindura mu gutsinda ku budasa bw’ibitsindo bitatu.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel