Scroll to Top

Uganda:Umuvugizi w’igiporisi yagandaguwe

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 17 Mar 2017 15:38 PM / /
Andrew Felix Kaweesi

”Umuvugizi w’igiporisi ca Uganda yarashwe  kuri uyu wagatanu aca aritaba imana n’abantu bitwaje ibigwanisho asohotse avuye iwe  mu mugwa mukuru”vyandikwa ni ikinyamakuru Associate Press.

Ico kinyamakuru kibandanya kivugako  Andrew Felix Kaweesi yariko atwagwa mu modoka n’umushoferi hamwe n’umucungerera ubuzima abo nabo nyene baka baciye bitaba Imana ngo bigashikirizwa n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Don Wanyama.

Associate Press gishirako ko Kaweesi yaraherutse kuri uyu wa gatatu kuvuga ibijanye n’icegeranyo c’ishirahamwe Human Rights Watch, icegeranyo cagiriza igihugu c’Ubuganda ko igisoda caco cishe abantu mu gihe haba igitero mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel