Scroll to Top

Inzahabu zibandanya kwiha inkumbi

By La Rédaction / Published on Saturday, 18 Mar 2017 00:07 AM /

Ugucukura inzahabu mu kinyegero ngo bibandanya vyiha inkumbi mu gihugu cacu naho Leta iguma isemerera kugira abanyagihugu bavavanure n’iyo ngendo imaze guhitana ubuzima bw’abantu batari bake.

Nk’uko bishikirizwa na musitanteri wa komine ya Butihinda isanzwe iri mu ntara ya Muyinga, umushingantahe Innocent Haringanji, ku musi wa kane uheze igenekerezo rya 16 Ntwarante uwu mwaka, abantu bagera kuri babiri barasize ubuzima bwabo mu bikorwa vy’ugucukura ubutare mu kinyegero ata ruhusha babifitiye.

Bwana Haringanji abandanya ashikiriza ko abo bagabo bagiye gucukura ubutare mu kibanza cari kimaze imisi carugawe niho rero umusozi wabasenyukirako baca bitaba Imana.

Abo bahisi bakaba bazwi ku mazina ya Édouard Nsanzigaba na Nduwimana bamuka ku mutumba wa Nyarubuye wo muri iyo komine nyene ya Butihinda.

Musitanteri Hariganji agahamagarira abanyagihugu bo muri iyo komine arongoye ndetse n’abandi bose ko bovavanura n’ukuza baraja gucukura ubutare mu kinyegero kuko baba bariko barikwegera ingorane ugasanga bahasize n’ubuzima bwabo, ahubwo abahamagarira kuja mu ma ”coopérative” asanzwe araba ico gikorwa nk’uko Leta y’Uburundi isanzwe ibitegeka.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel