Scroll to Top

Ibi nivyo yaraye yemeye kuzorangura mu mwaka uza

By La Rédaction / Published on Saturday, 18 Mar 2017 05:47 AM / /

Insamirizi izohora ishikiriza ibijanye n’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi, umuganwa atari umugani Rudoviko RWAGASORE, niyo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yaraye yemeye ko izoshirwaho mu mwaka uza.

                 Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu gihe yari yaramutse yifadikanya n’abadasigana mu bikorwa rusangi vyabereye ahasanzwe hari ingoro y’umugambwe UPRONA bita KUMUGUMYA isanzwe iri mu gisagara ca Bujumbura, hari ejo haheze igenekerezo rya 17 Ntwarante uwu mwaka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, yamenyesheje abari bavyitavye ko baba abadasigana canke n’abandi barundi bose ko bari bakwiye guhindura ingendo bakijukira ibikorwa vy’iterambere maze baze basige isi imeze neza gusumba uko bayisanze.

Gaston Sindimwo akaba kandi yamenyesheje ko mu mwaka uza hategekanywa kuzoshirwaho insamirizi nshasha y’ijwi ry’umuganwa Rudoviko Rwagasore ” Voix du Prince Louis RWAGASORE”, iyo nayo ngo ikazohora ishikiriza ibijanye n’ivyaranze uwo muganwa atari umugani, ingene yashoboye kwegeranya abarundi maze akabashira mu bumwe ndetse n’ingene yahavuye ashika ku rugero rw’ukuronkera igihugu cacu intahe y’ukwikura.

 

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel