Scroll to Top

Kabeya aratakamba ngo BICOR imushumbushe

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 18 Mar 2017 04:45 AM / / 216 views
Kabeya Olivier, se wa Frank ARAKAZA yahitanywe n’impanuka

Kabeya Olivier na Kwizera Aline ni umuryango utuye ku musozi Bisha, Zone Makamba ya Komine Rusaka mu ntara ya Mwaro.Kw’ igenekerezo rya 23 myandagaro 2013 mu gihe uyo muryango wari witavye ubutumire bw’urubanza mu Kayokwe aho nyene urugo yararamutse ashikirizwa impamyabushobozi, bashitse imbere ya Paruwasi Mwaro umwana  wabo Arakaza Frank  w’imyaka itanu yajabutse ibarabara imodoka ije iva mu Kibumbu ica iramugonga acayitaba Imana ubwo nyene . Buramatari w’ico gihe, Ndayirorere Polydore yatanze itegeko ryo gutwara uyo mwana mu buruhukiro mu Kibumbu.

Inyamiramabi y’i Mwaro yamusavye impapuro z’amavuka n’ivyemeza vyo kwa muganga ko uyo yitavye Imana kugirango yegeranye ibigize dosiye y’uwo mwana.Sentare y’i Mwaro yaramuhamagaye imubaza ko yoburana mugabo wewe ashima ku taburana mugabo uwariko aragebdesha iyo modoka y’ubwoka bwa Toyata y’imparati C6048 A Hakizimana Siston abicishije mw’ishiramwe BICOR yomuha indishi y’akababaro. Baciye bamuha icegeranyo caciye kirungikigwa umuyobozi wa BICOR mu kwezi ku munani 2014.

 

Categories : Health homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel