Scroll to Top

Amajambo adasanzwe yashikirijwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 18 Mar 2017 07:47 AM / /


Kuri uyu wa gatanu igenekerezo ry’17 ntwarante  abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bari baramutse bagiranira ikiganiro n’abamenyeshamakuru.Ikiganiro cama kiba uko amezi atatu arangiye.Uno mwaka catunganirijwe ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba munyubakwa y’ihoteri Nonara y’umugwizatanga Ntasano.

Imbere y’abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye,abamenyeshamakuru baturuka mu bimenyeshamakuru bitandukanye bikorera  mu gihugu c’Uburundi  ahagatiwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi Philippe  Nzobonariba n’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnès Bangiricenge ,umuvugizi mushasha w’umukuru w’igihugu Karegwa Ndenzako       Jean Claude yabanje gushikiriza abaraundi bose bariko barakwzirikirana ico kiganiro indamutso yarungikanywe n’umukuru w’igihugu.Iyo ndamutso yarimwo impanuro zihamagarira abarundi bose kuguma ku kivi.

Ibibazo vyabajijwe ahanini bishimikiye ku kiza ca marariya, ubutunzi, poritike n’ibidukikije.

Ku bijanye n’ibiganiro biriko bibera mu gihugu ca Tanzaniya,Karegwa Ndenzako Jean Claude avugako ” Umukuru w’igihugu adashobora kurekurira abashatse gutembagaza intwaro kuko ibwirizwa nshingiro ribitomora neza. Philippe Nzobonariba yamwunganiye ati :’’ Ibiganiro bidindira kubera abanyamahanga.  Ububirigi,  n’ubu ndabisubiramwo, abantu batazi n’iyo Uburundi buherereye, banka ko abarundi batunganya ivyabo, batora, akarorero baciye baha amahera abagomba gutembagaza Reta ‘’. Ngo bagiye gutera ubwoba Mkapa nayo Urwanda rwo rwafatnywe itonga mu guhungabanya umutekano mu Burundi nico gituma Uburundi bwarwitwariye.

Karegwa yarongeye ati:‘’Hariho imigambwe itazwi mu Burundi yari yatumiwe i Arusha, Umuhuza yaramaze kwishurako habaye utunenge ko Reta yomuha urutonde rw’imigambwe hanyuma ibintu bibandanye.Uburundi ntangorane ifitaniye n’umuhuza Mkapa’’ Karegwa yarashimangiye.

Ku bijanye n’imigendaranire n’ibindi bihugu, uyo muvugizi mushasha w’umukuru w’igihugu avuga ati :’’Amakungu aradufasha natwe tukayafasha.Tubaha inyungu zumurengera …. ukwihangana kwa Reta kuriko kurazana umwimbu .  Turarindiriye ko ayo makungu agaruka mu nzira nziza hanyuma tubandanye imigenderanire ‘’.

Karegwa yemeza ko ababirigi bateye ingorane nyishi abanrundi kuva kera.Philipo amwuhiriye yemeje ko buri mwaka hakoreshwa imiriyaridi zibiri z’amafaranga y’amarundi mu kwigina intsinzi bari baranyazwe n’ico gihugu c’Ububirigi. Ngo nayo imyiyerekano no mu bubirigi iraba, ico gihe cose Leta izokumva ko irenganijwe izo vyerekana .

Ikibazo c’isukari catumye Nzobonariba asaba abarundi ko bomenya neza uko ibintu bimeze.Ku bwiwe ngi ishirahamwe SOSUMO rigishigwaho hari bantu imiriyoni zitatu ariko ubu ni icumi ngo guheraho umuntu yotahura.Yamenyesheje ko inama nshikiranganji iherutse kuciga neza.Leta yaratanguye kwemerera abandandaza bazana isukari bakuye hanze ariko ”uwuzorangura ivy’ amagendo azohomba” kuko ngo Leta ntizokwemera ko abenegihugu bafatirwa amaboko i mugongo.Yongeyeko ati:” Abasangiye ubusa bitana ibasambo”.Uko bihera niko bizimba . Ngo umuti urama ni ugusanura ishirahamwe SOSUMO.

Ubukene bw’amatara bwasiguwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko natanganguvu ko ihindagurika  ry’ibihe n’ibidukikije ryiyongera ku gitigiri c’abantu biyongereye bituma amakaritiye atari make abura umuyagankuba.Yongeyeko ko hari ibibanza vyonyene bidashobora kubura .Aho ngo ni nkibitaro hamwe n’amakambi y’abajejwe umutekano.

Ku bijanye n’inama yabereye mu gihugu c’Urwanda abarundi batitavye , Philipo avuga ku mushingamateka Leonce yavyitavye ”Leonce ndarubagiye  afise imyaka irenga 80, yagiyeyo kugahanga kiwe , yishoye,  harinaho yagira ati buriya jewe ntaco ncera nakare ndikuriye, umuntu nkurya bashobora kumureka, agarutse yaragiye gushora agahanga kiwe ntangaruka azogira.

Ku banyuruza amatunga ya Leta, umuvugizi wa OBR Jean Mvuyekure: Inzu zitarihwa n’abanyuruje amahera ya reta:OBR yiga dosiye ku yindi hanyuma batangure kwishuza.

ONPR/ Jean Pierre Gahimabre avugira ubushikiranganji bw’ikorwa vya Leta:” Dutangura gutunganiriza abakozi tutaratangura kubahemba,ONPR yoturungikira urwo rutonde hanyuma tubimenye kuko twarigeze kubona abahembwa bazakora”.

Ku mafaranga yari yasabwe n’umukuru w’igihugu ko yosubiwa mu kigega ca Leta , hakaba hamaze kuboneka igce kimwe gusa Karegwa ati: ”Iyo umukuru w’igihugu  ashikirije ijambo aba ahejeje, hariho abajejwe kugarukana amafaranga mu bigega vya Leta.Brigade Anti corruption, API , OBR vyashizeho mu gishira mu ngiro ingingo z’Umukuru w’igihugu. Hariho abantu baje gusaba ko ivyo bagirizwa atarivyo .Ntivyerera inzara, vyerera igihe,bitebe bitebuke nta muntu n’umwe yanyuruje ibintiu vy’igihugu azobiherana.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel