Scroll to Top

Ivyashikirijwe mu kiganiro cari categuwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye

By La Rédaction /Published on Saturday, 18 Mar 2017 06:42 AM // 224 views

Abavugizi b’inzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu bari bateguye kugirisha ikiganiro abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu aho bishura ku bibazo bitandukanye umwe wese mu gisata ajejwe.

Kuri uwu wa gatanu waraye uheze, abavugizi b’inzego zitandukanye barashoboye kugiriranira ikiganiro n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu kugira ngo batange umuco kuri iki canke kiriya mu bisanzwe bigize ubuzima bw’igihugu, aho ibibazo vyinshi vyabajijwe vyari vyerekeye politike, amagara y’abantu, ibijanye n’urudandazwa, inyigisho, ukumenyesha amakuru, ibidukikije n’ibindi.

Mu bijanye na politike, habaye ikibazo c’igituma Leta y’Uburundi itashoboye kwitaba ibiganiro biherutse kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Mu gutanga inyishu y’ico kibazo, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA yamenyesheje ko Leta y’Uburundi ishigikiye ibiganiro hagati y’abarundi, vyaba ibibera mu gihugu hagati ndetse n’ibitegekanywa kubera hanze y’igihugu, yamara amenyesha ko Leta y’Uburundi itarota yicara ku meza imwe n’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi, ngo akaba ari nayo mvo nyamukuru yatumye Leta itarungika uwuyiserukira muri ivyo biganiro kuko ngo hari hatumiwemwo abasaznwe bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Eka si ivyo gusa, n’ivyari vyategekanijwe kuganirwako uwo musi ngo Leta y’Uburundi yabona ko atakamaro bigifise, aho ngo kwari ukuganira ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ico kibazo naco ngo kikaba caramaze gutorerwa umuti kuva kera na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’iyo mu karere ka Afrika y’Uburseruko.

Nayo umuvugizi wa Leta y’Uburundi Philippe Nzobonariba, yamenyesheje ko hari ibihugu bimwe bimwe nk’Urwanda hamwe n’Ububiligi bishaka gutera igitsure ubumwe bwa Buraya kugira ngo mu biganiro bihuza abarundi haze haritabamwo abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bwitorewe n”abanyagihugu, gutyo ngo babone gushika ku ntwaro y’imfatakibanza, bwana Nzobonariba akamenyesha ko abo baciyumvira ko mu Burundi hoba hakiba intwaro mfata kibanza ko boteshwa bagata kuko ngo ntabizokwigera bisubira gushika mu Burundi.

Nayo mu bijanye n’amagara y’abantu, hashikirijwe ikiza ca Malaria cabaye ndase mu gihugu cacu, aho umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu akaba yahamagariye abanyagihugu kwihutira kunyarukira ku mavuriro abegereye mu gihe babonye ibimenyetso vy’iyo ngwara, yongera amenyesha ko imiti yayo itangwa ku buntu. Leta y’Uburundi nayo ngo ikaba iriko iratunganya kuzokwirariza imisegetera mu banyagihugu kugira bashobore kwikingira imibu isanzwe itera iyo ngwara.

Mu bijanye n’itangazamakuru, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, umupfasoni Agnès Bangiricenge, yamenyesheje ko insamirizi BONESHA yoshobora gusubira gusamirana yamara ngo ntiyokorera mu nyubakwa yahora ikoreramwo kuko hakiri amatohoza agikorwa kuriyo. Nayo ayandi maradiyo nka RPA ijwi ry’abanyagihugu, ngo ntivyoshoboka ko isubira kwugururwa kuko ngo hari mategeko yarenzeko ndetse ngo ikaba n’ubu ibandanya isamiranira mu makungu mu gutanga amakuru acanishamwo kuko amatohoza go akibandanya.

Mu bijanye n’ubutunzi nabwo, ikibazo c’ikena ry’isukari mu Burundi nico caje kw’isonga, aho umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandaji yamenyesheje ko ishirahamwe SOSUMO ritoshobora gukwiza abanyagihugu bose isukari ikwiye kuko baguma barwira, aboneraho guhamagarira abanyamitahe ko boza barazana isukari bakuye hanze y’igihugu yamara bakagerageza kwubahiriza amategeko agenga ben’urwo rudandazwa.

Mu bijanye n’umuyagankuba naho, harashikirijwe ikibazo cawo gisigaye cabaye akayobera bahinga mu gisagara ca Bujumbura, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka akaba yamenyesheje ko imvo nyamukuru ituma umuyagankuba uba muke mu gisagara ca Bujumbura ko yavuye kw’ihindagurika ry’ibihe, yamara ko ubwo bushikiranganji hamwe na Leta y’Uburundi ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo ico kibazo gitorerwe inyishu.

Tworangiza tubibutsa ko ico kiganiro cabereye ku murwa mukuru w’intara ya Makamba.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel