Scroll to Top

#indundi | Aba fans bashigikiye igikorwa ca Lolilo co gushigikira Igiteramo ca Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 18 Mar 2017 07:21 AM /

Abatari mu bakunzi b’umuziki wa Big Fizzo na Lolilo, babona ko intambwe Lolilo yateye mu gushigikira igiteramo ca Big Fizzo ari nziza cane.

Uwo batabona kumwe ivy’umuziki, uno musi niwe ariko aramufasha gutumira abantu mu giteramo ciwe, abo mvuga s’abandi ni Big Fizzo na Lolilo. Naho abatari bake bari bazi ko Lolilo aterekwa ibikorwa vya Fizzo yarerekanye ko bashobora kuba barasubije hamwe.

Amakuru dukesha mugenziwacu akorera ikinyamakuru Rema Fm Ismail Niyonkuru, Ngo yararungikiwe Ubutumwa ku murongo wa Whatsapp na Lolilo, ivyo yarungikiwe ngo ni Affiche ya Concert Big Fizzo ariko arategura gukorera aha i Bujumbura.

Messae Lolilo yarungikiye Ismail Niyonkuru

Icari kiryoshe muri ubwo butumwa n’uko uwo muririmvyi yarengeye icuka kibi cari gisanzwe kiri hagati yabo haraheze igihe, ariko amubwira uwo mumenyeshamakuru ngo ntazosibe kuri ico giteramo kugira babashe guteza imbere umuziki ndundi.

Ayandi makuru twaronse nayo avuga ko uwo muririmvyi nyene Lolilo, imbere yuko ashira kuri Profil ya Whatsapp yiwe Affiche y’igiteramo afitanye we n’umwana hamwe n’umutambukanyi wiwe muri commune ya Rumonge, ngo yoba yari yashizeko iyo affiche y’ico giteramo ca Big Fizzo.

Kuri Facebook y’uwo mumenyeshamakuru, abatari bake bakaba bashigikiye iyo ntambwe uwo muririmvyi ateye mu gushigikira ico gikorwa Big Fizzo agiye gukora. bakabona ko ari intambwe nziza izotuma umuziki wacu ubandanya ukomera gusumba.

Abatari bake tukabatunafise icizere ko Big Fizzo ashobora kuzotumira Lolilo ngo bakorane ico giteramo, noneho ngo abo baririmvyi basubire basenyere ku mugozi umwe, umuziki ndundi ubandanye utera ue imbere.

Mwomenya ko gushika ubu abatari bake mu baririmvyi ndundi bamaze gutahura akamaro ko gushigikirana kuko ku mihora ngurukanabumenyi yabo babandanya gushigikira bagenzibabo mu gushirako yaba ibiteramo canke Cover y’indirimbo nshasha bagenzi babo bariko barakora.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Categories : homepage

Add Comment

Comments (4)

James
2017-03-18 00:00:00

None bitwaye iki kwanza kuzana beef. Nuburofa gusa

Innocento
2017-03-18 00:00:00

Lolilo Yerekany Ubumw.Igikorw Yakoz N Icingenzi Kabix.Asa Nuwavuniy akagoh abaririmvyi bamw bamw bashaka guterimbere babicishije mu ma beef!

Guest
2017-03-18 00:00:00

messager ngozi tuzotwara coup du president primus league niya ridia rudci

Guest
2017-03-19 00:00:00

hamwe big fizzo na lolilo bosubira bakaja hamwe umuziki ndundi wotera imbere tukumvikana nomumakungu

Write a comment ...
Post comment
Cancel