Scroll to Top

Iki ico ngo catumye bahagarikwa

By La Rédaction / Published on Saturday, 18 Mar 2017 09:06 AM /

Abacamanza babiri bahora bakora muri sentare isubiramwo y’i Ngozi baherutse guhagarikwa bagirizwa kuba barakoranye n’abadandaza b’ubutare Coltan baherutse gufatwa n’igipolisi babushoye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Abagabo babiri baheruka gufatwa n’igipolisi c’Uburundi bashoye inzahabu mu Rwanda

Hari ku musi wa kane uheze aho umushikirizamanza mukuru wa Repubilika yishikira ubwiwe ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi maze ategeka ko abacamanza babiri aribo Hatungimana Joseph hamwe na Christophe bafatwa.

Abo bacamanza rero bahagaritswe ngo bakaba bagirizwa kuba bafise uruhara mu rundandazwa rwa magendo rw’ubutare, aho abagabo babiri baheruka gufatwa n’igipolisi bafise ibiro bigera kuri 1070 vy’ubutare bita Colombo tantalite (Coltan), babushoye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Ivyo rero ngo bikaba arivyo vyatumye abo bacamanza babiri bafatwa co kimwe n’umudandaza umwe nawe nyene yikekwa kuba afise uruhara muri urwo rudandazwa rwa magendo rw’ubutare, bompi bakaba baciye bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Categories : homepage Justice kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel