Scroll to Top

#Indundi sport| Arakaza Marc Arthur yafashije AC villa kuba iyambere

By Radjabu Bosingwa /Published on Saturday, 18 Mar 2017 10:12 AM // 1232 views

Amakuru y ‘umunyegori w’umurundi asanzwe asamira umugwi nserukira gihugu Arakaza Marc Arthur, yashoboye gufasha umugwi asanzwe akinira Ac villa ikibanza ca mbere mwi hihanwa rikuru ryo mu gihugu c’ubuganda . aho hari kuwa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante.

Umugwi wa AC Villa utsinze umugwi Wa Saint ibitindo 2-0 Arakaza Marc Arthur akaba amaze gukina inkino zigera kur 4 .

Inyuma yurwo rukino twegereye Arakaza Marc Arthur tumubaza ingene yoba Amerewe muri uwo mugwi. Marc Artur ati: ”
Meze neza mu mugwi wa AC villa ntangorane mfise muri uwo mugwi yaba gukina canke ibindi umugwi wacu umeze neza twatsinze urukino rwo kur’uwu kabiri bituma dufata ikibanza cambere dufise icizere yuko tuzobandanya twifata neza mu mugwi wacu.”

Mu kibukako Arakaza Marc Arthur yagiye mu gihugu c’ubuganda avuye mu Mugwi Wa vital’o Fc akaba yigeze gukina no mu mugwi Wa Aigle Noire.

Add Comment

Comments (1)

Salvator
2017-03-18 00:00:00

Nivyiza akomere kumuheto

Write a comment ...
Post comment
Cancel