Scroll to Top

#Indundi Sports| Basket Ball: Uburundi butwaye ikibanza ca kane mu nkino z’akarere ka 5.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 18 Mar 2017 18:34 PM / /

Inyuma y’ugutsindwa ku munsi w’ejo n’umugwi nserukiragihugu wa Egypte, ku manota 135 kuri 71, kuri uno munsi wa gatandatu, Uburundi bwasubiye gukina urundi rukino rw’ukurondera ikibanza ca 3.

Muri urwo  rukino rwahuje Uburundi n’umugwi nserukiragihugu w’Urwanda, Igihugu cacu, casubiye gutakaza urwo rukino gutyo, bufata ikibanza ca kane muri iyo mahiganwa. Ku manota 89 kuri 75; ni ukuvuga ubudasa bw’amanota agera kuri 14.

Umwe mu bakinyi b’abarundi bigenjeje neza kuruta abandi ni uwitwa Nijimbere Guibert, aho mu rukino rw’ejo Uburundi butsindwa na Egypte, yashoboye kwinjiza amanota 20 wenyene, aho yarushijwe  n’umunya Egypte yitwa Ahmed Heshim yatsinze amanota  23.

Umugwi wa Misiri akaba ari nawo wabaye uwa mbere, inyuma y’ugutsinda ubuganda, Urwanda ruba urwa gatatu, Uburundi nabwo bufata ikibanza ca kane mu  bihugu indwi vyari vyitabiye ihiganwa.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel