Scroll to Top

Messager Ngozi isezerewe na Zesco United inyuma y’ukunganya (2-2).

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 18 Mar 2017 18:37 PM / /

Mu rukino rwabaye kuri uno muhingamo, hagati ya Messager Ngozi n’umugwi wa Zesco United wo mu gihugu ca Zambia, urukino rwarangiye ku bitsindo bibiri  ku bindi (2-2). Ivyo bikaba bitumye umugwi wa Messager Ngozi usezera ihiganwa ry’igikombe ca CAF.

Urukino rwatanguye biboneka ko Messager Ngozi ifise ishaka ryinshi ry’ukugombora ibitsindo bibiri ku busa bari batsindiwe mu gihugu ca Zambia mu ndwi iheze. Ariko Umugwi wa Zesco United ukaba utaborohereje kuko atabuhinga bugaragara bwabonetse bwovamwo igitsindo mu gice ca mbere.

Igice ca kabiri, catanguranye inguvu zikomeye ku ruhande rw’umugwi wa Messager Ngozi, ku munota wa 52 igitsindo ca mbere cari kibonetse ku mupira utewe na Enock Nsabumukama, igitsindo cagiye kugombogwa n’umugwi  wa Zesco United.

Urukino rwabandanije ruterimbere cane  kuko, inyuma y’ukugombora umukinyi kizigenza Danny Cedrik Kagabo hakinjira umusore Ismael Nizigiyimana batazira Semene, yatsinze igitsindo ciza cane gutyo  umugwi wa Messager Ngozi uba uronse icizere noneho c’ukugabanya ibitsindo. Bidatevye na gato, Messager Ngozi igomborwa igitsindo ku munota wa 82 biba bibiri ku bindi (2-2).  Urukino rukaba rwarangiye ari uko nyene.

Tubibutse ko umugwi wa Messager Ngozi kugira ushike muri ico kibanza, ukaba wari watsinze umugwi wa KVZ wo mu mazinga ya Zanzibar. Muri kino gihe bakaba bagiye kubandanya ihiganwa rya Primus Ligue, hamwe n’igikombe c’umukuru w’igihugu buca gitangura.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel