Scroll to Top

TZ | Diamond ngo uwoshaka yoreka kumuvuga nabi

By KING YANN COOL /Published on Saturday, 18 Mar 2017 16:41 PM // 1235 views

Diamond ngo ukumuvuga nabi n’uguta umwanya ubu aho ageze.

Ukumwandika canke ukamuvuga nabi ngo ntaco bizomugira. Ivyo vyashikirijwe na Diamond Platnumz mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Kings Fm.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Bongo 5 co muri Tanzania abishikiriza, uwo muririmvyi ngo naho asanzwe yubaha ibinyamakuru vyo muri Ico gihugu ngo aho ageze uno musi ntaco abazeyeko kinini Ku kijanye n’ukumenyekanisha umuziki wiwe.

Uwo muririmvyi yabandanije abwira ico kinyamakuru ko umuririmvyi amaze kugera aho ageze ngo aragura imihora y’uburyo indirimbo ziwe zitangwa.

Akaba yagiriyeho avunira akagohe abo bose bumva bashaka kumuvuga nabi canke kumwandikako nabi ko ukwo ari uguta umwanya wabo.

Mwomenya ko Diamond ari umwe mu baririmvyi bavurwako vyinshi kuri Ico gihugu ca Tanzania, vyaba vyiza canke bibi vyose birikumwe.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel