Scroll to Top

Aherutse kugarukira ku benegihugu bo mu ntara ya Kirundo

By La Rédaction / Published on Sunday, 19 Mar 2017 08:10 AM / / 159 views

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza aherutse kugarukira ku banyagihugu bageramiwe n’ikigoyi c’inzara bo mu makomine abiri yo mu ntara ya Kirundo mu kubaronsa ibifungurwa bigizwe n’umuceri. 

Aserukiwe n’umuhanuzi wiwe mu gisata c’imibano n’imicokama, umushingantahe Nestor GASABA, umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza yarashoboye kuronsa abanyagihugu bageramiwe n’inzara bo muri zone Gisenyi komine ya Busoni yo mu ntara ya Kirundo imfashanyo igizwe n’umuceri ungana n’amatoni icumi.

Amatoni icumi y’umuceri nyene niyo yongeye aronsa abanyagihugu bo muri zone ya Bugabira yo muri komine Bugabira intara ya Kirundo nyene.

Nestor GASABA ari nawe yari yaserukiye umukuru w’igihugu mu gutanga iyo mfashanyo akaba yamenyesheje abanyagihugu bashoboye kuyironka ko umukuru w’igihugu arajwe ishinga n’ingorane zikunda gushikira abenegihugu arongoye yongera abasaba ko bobungabunga imfashanyo bahawe boye kuyijana mu tuguriro nk’uko bikunze kwibonekeza mu duce tumwe tumwe, yamara ngo bayifungure kugira ngo bashobore kuronka utuguvu tw’ukubandanya barangura imirimo yabo ya misi yose.

Twomenyesha ko iyo nzara irembeje abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Kirundo ko ahanini yandurutse ku ruzuba rwaturiye rugatongora muri iyo ntara rukaba rwarabandanije gushika hagati muri uku kwezi turimwo kwa Ntwarante.

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel