Scroll to Top

Ubushinwa ngo bwariyemeje gufasha abarundi kwiteza imbere

By La Rédaction / Published on Sunday, 19 Mar 2017 08:35 AM /

Imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye niyo igihugu c’Ubushinwa giherutse kuronsa ikigo c’impfumvyi kizwi kw’izina rya Bon Samaritain gisanzwe kiri i BUYE mu ntara ya Ngozi.

Umuserukizi w’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Zhuo Ruisheng, aherutse kuronsa ikigo c’impfuvyi ”Bon Samaritain” c’i BUYE imfashanyo igizwe n’ibitanda, amamatera agera kw’ijana, ivyuma bikanyisha ibintu bigera kuri bitatu, imisegetera hamwe n’inyabwonko zigera kuri zitatu.

Ambassadeur Zhuo Ruisheng akaba yamenyesheje ko igihugu aserukira cama ciyumvira abarundi benewabo bamerewe nabi, ko ataco kitazokora kugira ngo kigume kibafata mu mugongo mu bikorwa vy’ukwiteza imbere.

Nayo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ari nawe iyo mfashanyo yaciyeko, akaba yarakengurutse cane uwo mutima runtu igihugu c’Ubushinwa kibandanya kigaragariza abarundi, anamenyesha ko iyo mfashanyo ishitse mu gihe co kuko ngo ibikorwa nyezina vy’ico kigo c’impfuvyi c’i Buye ngo bigiye gutangura mu misi ya vuba.

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel