Scroll to Top

Bururi| Abanyakigutu ngo bagiye kuronka umuyagankuba

By La Rédaction /Published on Sunday, 19 Mar 2017 09:09 AM // 165 views

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Côme MANIRAKIZA aherutse gutanguza ibikorwa vy’ugushira intsinga z’umuyagankuba muri zone ya Kigutu yo mu ntara ya Bururi.

Ku musi wa gatanu uheze igenekerezo rya 17 Ntwarante uwu mwaka, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, Côme MANIRAKIZA, yaruguruye icese ibikorwa vy’ugushira amashanyarazi muri zone ya Kigutu komine Vyanda intara ya Bururi, ico gikorwa kikaba gitegekanywa kuzorangurwa ku buryo bw’amafaranga y’amarundi angana n’imiliyoni amajana atatu.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji Côme MANIRAKIZA akaba yamenyesheje ko igikorwa c’ugushikiriza amashanyarazi abanyagihugu bo mu mitumba ko atari umugambi wa Leta y’Uburundi gusa, yamara ko kiri no mu migambi igera kuri icumi n’indwi y’ishirahamwe ONU, yongera asaba abanyagihugu bo muri iyo zone ya Kigutu ahagiye kurangurirwa uwo mugambi, hamwe n’abarundi bose, ko bogerageza kubungabunga intsinga z’umuyagankuba mu kuzikingira ico cose coza gishaka kuzibangamira, kanatsinda ngo nta terambere ryobaho ata muyagankuba uhari.

Nayo umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’iyo ntara ya Bururi akaba yarakengurutse cane uwo mugambi ugiye kurangurirwa muri iyo zone ya Kigutu, yongera asaba abanyagihugu kuzokora ukwo bashoboye mu kubungabunga ayo mashanyarazi.

Yarongeye ashimira imvukira yo muri iyo ntara izwi kw’izina rya Déogratias NIYIZONKIZA, uwo nawe akaba aheruka gushinga muri iyo ntara umugambi yise « Village health works » uzofasha abanya Bururi mu bijanye n’amagara y’abantu.

Nayo bwana NIYIZONKIZA akaba yarakengurukiye Leta y’Uburundi kuri uwo muyagankuba igiye kubaronsa, kuko ngo ugiye gutuma uwo mugambi yaheruka gutanguza « Village health works » muri iyo ntara ugenda neza, muri wo ngo akaba ategekanya kuzohubaka ibitaro vy’akarorero bizoza birafasha abanyagihugu bo muri iyo ntara no mu zindi ntara zibanyi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel