Scroll to Top

Umugambwe UPD-Zigamibanga uramutswa inzego zishasha

By La Rédaction / Published on Sunday, 19 Mar 2017 09:58 AM / /

Umugambwe UPD Zigamibanga waraye utunganije ikoraniro kaminuza aho waboneyeho guca utora inzego zishasha zigiye kubandanya ziwurongora.

Kuri uwu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 18 Ntwarante uwu mwaka niho umugambwe UPD Zigamibanga wari waramutse ugira ikoraniro rukokoma ryabereye i Bujumbura muri zone ya Gatumba yo muri komine ya Mutimbuzi.

Muri iryo koraniro, uwo mugambwe waciye uboneraho gutora inzego zishasha aho  Kassim Abdoul yatowe kugira ngo abe ariwe arongora uwo mugambwe, Dieudonné Cimpaye atorwa kugira ngo abe umunyamabanga mukuru wawo nayo Albert Mudende atorwa ku giti c’umunyabanga nshingwabikorwa w’uyo mugambwe.

Amatora arangiye, umukuru wawo mushasha Abdoul Kassim akaba yarakengurukiye abashoboye kumwizera bakamugira uwugiye kuramutswa uwo mugambwe, yongera aboneraho kugaruka ku ngorane zashikiye uwo mugambwe ku buryo utashoboye n’ukuja mu matora yo mu mwaka wa 2015, aho yipfuza ko bitosubira kuwushikira.

Yaboneyeho kandi kumenyesha abari bitavye iryo koraniro kaminuza ko mu gihe boja hamwe ko bazotegerezwa kuyobora neza umugambwe wabo mpaka bawushikane mu matora yo mu mwaka wa 2020, akaba ngo agiye kwegeranya abanywanyi bashwiragiye kugira ngo bagaruke mu ruhongore.

Bwana Kassim Abdoul akaba yarangije ahamagarira abayoboke b’uwo mugambwe muri rudende hamwe n’abanyagihugu bose  muri rusangi kwima amatwi ba sesankuyoze atakindi barota atari ukugomba kudurumbanya amahoro n’umutekano mu gihugu cacu.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel