Scroll to Top

Lydia Nsekera aramutswa ishirahamwe rya CNO kuva kuri uno w’Imana.

By Alain Muhirwe /Published on Sunday, 19 Mar 2017 15:40 PM // 415 views

Kuri uno w’Imana, igenekerezo rya 19 Ntwarante, niho haba amatora mw’ishiragamwe ry’inkino za Olympique ( Comite national Olympique), mu nyubakwa z’ihoteli Source du Nil. Amatora yashikanye ku burongozi bw’iroshirahamwe, umupfasoni Lydia Nsekera.

Imbere y’uko amatora aba,  habanje igikorwa c’ukuraba ko abafise uruhusha rw’ugutora bose bamaze gushika muri ico kibanza. Abashingantahe babiri hamwe n’umupfasoni umwe akaba aribo bariko arahiganirwa ikibanza c’uburongozi bwa CNO: abo nabo: Kwizera Dieudonne, Anselme Hatungimigabo , Lydia Nsekera.

Inyuma y’ugushikiriza imigabo n’imigambi kuri abo bifuza kwitoza muri ico kibanza, kabaye akaryo ko kwinjira mu matora nyezina. Amatora arangiye hashirwa ahabona, ivyayavuyemwo: Lydia nsekera atorwa ku majwi 37 kuri 26 ya Dieudonne Kwizera batazira Muvuduka. Anselme we akaba yaronse ubusa.

Habaye igikorwa c’ugutora umunyamabanga mukuru hamwe n’umushinguzi, hatorwa uwitwa Slavator Bigirimana (39) nk’umnyamabanga mukuru hamwe na J Claude Niyukuri (36).

Uburongozi erro bw’ishirahamwe bukaba bwatowe ugukurikira:

Umukuru w’ishirahamwe: Lydia Nsekera

Icegera: Henri Bukumbanya

Umunyamabanga: Bigirimana Salvator

Icegera: Dr Maronko Boniface

Umushinguzi: J Claude Niyukuri

Icegera: Sabushimike Emile

Uwuserukira Abapfasoni: Circoncilie Nahimana.

Tukabibutsa ko General Major Evariste Ndayishimiye ari we yahora arongoye iryo shirahamwe, akaba yari amaze imyaka igera kuri ine arirongoye, kuri uno munsi ikiringo ciwe kikab cari kirangiye.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel