Scroll to Top

Abanonotsi bagiye guhabwa ikibanza gishimishije mu nkino zabo zose[Interview].

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 19 Mar 2017 15:10 PM / / 213 views

Ijambo rikuru uwatorewe kurongora ishirahamwe rya Comite National Olympique, yashikirije inyuma y’ugutsinda amatora kuri uno muhingamo.

Lyidia Nsekera yemeye ko bafadikanije n’akanama bazokorana bagiye  kwitwararika abanonotsi mu nkino zose biciye mu mashirahamwe y’inkino zitandukanye, kugira bashike imbere hashoboka.

Mumwumvirize, aho anashikiriza icatumye yifuza kwitoza muri ico kibanza.

Mu kibuka ko uyo mupfasoni asanzwe yahora muri komite yahora irongoye iryo shirahamwe kuva mu mwaka wa 2012, asanzwe ari no mw’ishirahamwe ry’isi ryo kwinonora imitsi (CIO), akaba kandi ari mu nama nyobozi y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel