Scroll to Top

Miss Erica yibuka nyina yagize Ico amuvugako

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 19 Mar 2017 16:08 PM / / 2410 views

Miss Erica ngo uno musi yaramenye ivyakorwa na nyina mu mugongo w’abana biwe.

Ibanga ry’ukwitwa Nyina w’umuntu ngo uno musi yararimenye, ivyo ni Miss Erica yabishikirije Ku rubuga rwa Facebook aho yariko yibuka kandi ahayagiza umuhisi umuvyeyi wiwe amaze Igihe kitari gito yitavye Imana.

Uwo muririmvyikazi yahayagije nyina avuga ko atarazi Ico bisaba kwitwa nyina w’umuntu gushika aronke imfura yiwe basangiye na Sal-G. Uwo muririmvyikazi yanaboneye akaryo ko gutanga bimwe na bimwe muvyo nyina yakora ariko atarizi ariko yamenye inyuma y’ukuronka umwana.

Uwo muririmvyikazi yabwiye bamwe muri Commentaire ko urukumbuzi ruzokwama ruhari ariko ko agahinda kuba yarabuze umuvyeyi kamaze guhera kuko katohaguma. Erica yavuze ko umuvyeyi wiwe amaze imyaka itanu yitavye Imana.

Ivyo abishikirije inyuma yaho amenyeshereje ko ariko aritegura gushira ahabona indirimbo zitandukanye zirimwo n’izo azokorera amasanamu. Yabishikirije mu kiganiro Indundi Hit Show gishikirizwa na Lee Marvin kuri Radio Culture.

 

Irya Mbere I Burundi #ECONET LEO Yashize ahabona Connection Inyaruka cane ya 4G LTE

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel