Scroll to Top

Ecocash iherutse kuronka agashimwe muri Barcelone

By La Rédaction /Published on Monday, 20 Mar 2017 02:35 AM // 181 views

Ecocash, ubuhinga bw’ukurungikiranira amafaranga hakoreshejwe terefone ngendanwa, iherutse kuronka agashimwe «Best Mobile Payment Solution» mw’ihiganwa Global Mobile Awards 2017 riherutse kubera muri Barcelone.

Ubuhinga bwa Ecocash bukaba bwakomotse mw’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Econet Wireless, bukaba busanzwe bukora kumwe n’ubuhinga Tigo cash yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda y’ishirahamwe Tigo, Vodafone hamwe n’izindi.

Ubwo buhinga bwa Ecocash bukaba bwatanguye gukora mu gihugu ca Zimbabwe mu mwaka wa 2011 kugira ngo bufashe abanyagihugu baho kutaguma batemberana amafaranga menshi mu mifuko yabo mu gihe ico gihugu cari mu ngorane zidasanzwe zijanye n’uguta agaciro ku rugero rudasanzwe kw’amafaranga yaho, aho Ecocash ikaba yaciye ibafasha kuza baragendana amafaranga yabo muri za ngendanwa zabo, gushika ubu Ecocash muri ico gihugu ikaba igeze kubanywanyi baharurwa mu miliyoni zitandatu n’igice hamwe n’abakozi bayo bagera mu bihumbi mirongo itatu.

Twokwibutsa ko mu Burundi naho, ubwo buhinga bwa Ecocash ko bwashoboye gutanguzwa n’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Econet-Leo, aho gushika ubu abarundi batari bake biboneka ko basigaye babwijukiye mu kubukoresha.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel